Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:23
39 Referans Kwoze  

Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Ububi bg’abanyakibi ni bushire, arikw abagororotsi ubashigikire: Kukw Imana igororoka ari yo isesa imitima n’imishaha.


arikw Īsesa imitima irazi ivyo Mpwemu yiyumvira, kuk’ ukw Imana igomba ari ko Mpwemu asengera abera.


Barasenga, bati Mwami, ni wewe uzi imitima y’abantu bose, none werekane uwo utoranije mur’ aba bompi


Kandi kw Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba inyambukīra mutinya.


Ariko, Uhoraho Nyen’ ingabo, wewe uca iziroranye, ukagerageza imishaha n’imitima, umpe kwibonera ingen’ ubīhōra: kukw ari wewe nitwayeko.


Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyeze.


Ariko wewe, Uhoraho Nyen’ ingabo, wewe ugerageza abagororotsi, ukitegereza imishaha n’imitima, umpe kwibonera ingen’ ubīhōra, kukw ari wewe nitwayeko.


Kandi ni wewe Mwami, ufise imbabazi: Kuko wishura umuntu wese ibikwiranye n’ico yakoze.


Mbeg’ Imana ntizobisuzuma? Kukw izi amabanga yo mu mutima.


nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uharire, ugenze umuntu wese nk’ukw ameze, wewe uzi umutima wiwe, kukw ari wewe wenyene uzi imitima y’abantu;


Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.


Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze.


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.


Uhoraho, unsuzume, ungerageze, Sesa umushaha wanje n’umutima wanje.


Kandi Mana yanje, nzi yuk’ usuzuma umutima, kandi k’uhimbarwa n’ubugororotsi. Nanje nshikanye ibi bintu vyose bivuye mu mutima ugororotse. Kand’ ubu ngize akanyamuneza kubona abantu bawe bari hano bagushikanira n’imitima ikunze.


Kandi nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ ukunze; kuk’ Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Nuko rero, umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Abasigaye bazovyumva batinye, boye kwongera gukorera muri mwebge ikibi kingana girtyo.


Maz’ abantu bose bazovyumva, bace batinya, ntibongere kwibona ben’ ukwo.


Abisirayeli bose bazovyumva, batinye, boye kwongera gukorera ikibi kingana girtyo hagati muri mwebge.


Mbona ifarasi ibenjutse; kand’ ūyicayeko yitwa Rupfu, Kuzimu na we aramukurikira; bahabga ububasha ku kigira kane c’isi, ngo babicishe inkota n’inzara n’urupfu n’ibikōko vyo kw isi.


Abagabo bose bo mu gisagara cabo baze bamwicishe amabuye: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge; Abisirayeli bose bazovyumva batinye.


Kuk’ umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro.


Ni muboroge, yemwe ababa i Makiteshi, kukw abantu bose b’i Kanani bageseye, n’abagera ifeza ku munzane baranduwe.


Uhoraho waransuzumye, urammenya,


Arababgira, ati Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu: kukw igishizwe hejuru mu bantu ar’ igisesema mu nyonga z’Imana.


Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’ umuntu wese yakoze.


Ehe ndaza vuba, nzanye ingero, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Non’ ikindi jewe Dawidi nokubgira n’iki, ku vy’icubahiro ngiriwe? Kuk’ uranzi, jewe umusavyi wawe.


Ibaha kuba amahoro, bakayadibamamwo; Kand’ inyonga zayo izihanze ku nzira zabo.


Yesu aramubgira, ati Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite