Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ehe ndamutsinda ku buriri, ndarungikira abasambana na we amarushwa menshi, ni batihana ibikorwa vyiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 None rero nzomuterera ku gitanda c’imibabaro, kandi n’abasambana na we nzobatera imibabaro myinshi, kiretse bihanye bakareke ibikorwa vyabo bibi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:22
16 Referans Kwoze  

Uyo abami bo kw isi bāsambana na we, ababa kw isi bakaborerwa vino, ni zo busambanyi bgiwe.


Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.


Kumbure ab’ inzu ya Yuda bokwumva ivyago vyose nageneye kubatēza, bagahindukira, umuntu wese akava mu nzira yiwe mbi, kugira ngo mbone guharira ukugabitanya kwabo n’icaha cabo.


Kand’ abami bo kw isi, abāsambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amarūru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe,


Kukw amahanga yose yanyoye vino, ni zo burake bg’ubusambanyi bgiwe, kand’ abami bo kw isi bāsambana na we, abadandaza bo kw isi bātungishwa n’ubginshi bg’ibihinda vyiwe.


Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.


na bo bazoguhanana urwanko, bakunyage ivyo waruhiye vyose, bagusige amēnya wambaye ubusa; kand’ ubgambure bg’ubumaka bgawe buzogaragazwa, ubushakanyi bgawe n’ubumaka bgawe vyompi.


Nari nibgiye, nti N’ukuri uzontinya, uzokwemera guhanūrwa, ngw inzu zawe zoye gusangangurwa, nk’uko nari mmaze kubishinga vyose: ariko bama bazindukanwa no kwonona ibikorwa vyabo vyose.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebge, nanje nkazoririra benshi bācumuye kera, ntibihane ivyonona, n’ubushakanyi, n’ivy’ isoni nke bākoze.


Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk’ivya mbere. N’utagira urtyo, nzoza kuri wewe nkūre igiterekwakw itara cawe ahantu haco, shiti wihannye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite