Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ariko mfise ico nkugayako, yuk’ ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita ūvugishwa n’Imana, akigisha akazimiza abagurano banje, kugira ngo bashakane barye ivyaterekerejwe ibigirwamana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ariko ico nkugaya ni uko waretse uwo mugore Yezebeli yiyita umuvugishwa, akazimiza abantu banje, akabajana mu busambanyi no mu kurya ivyaterekerewe ibigirwamana.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:20
19 Referans Kwoze  

Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.


Kandi nk’ ah’ umengo vyamubereye ivyoroshe kugendera mu ngeso za Yerobowamu mwene Nebati, agerekako yābīra Yezebeli umukobga wa Etibayali umwami w’Abasidoni, aragenda asaba Bayali, aba ari yo asenga;


mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.


Kandi ng’ Uze wice ab’ inzu ya Ahabu shobuja, ngo Kugira ngw ahōre Yezebeli amaraso y’abasavyi biwe b’abavugishwa, n’ay’ abandi basavyi biwe bose yavishije.


ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.


Ariko mfise ico nkugayako, yuko waretse urukundo rwawe rwa mbere.


Ntimuze mugire isezerano musezerana n’abari mur’ ico gihugu, kugira ngo, igihe bazohurumbira ibigirwamana vyabo nk’ ibimaka, bakabiha ibimazi, ntihaze hagire ūbatumira, ngo murye ku kimazi ciwe;


Ariko ni hagira umuntu ababgira, at’ Ico n’icāterekerejwe: ntimukakirye, kubg’ uyo abiseruye, no kubg’ ijwi ryo mu mutima.


Uzohora unywa ku mazi yawo, kandi nageze ibikona ko bizohora bikugaburirirayo.


Eliya aramwishura, ati Ntutinye: genda ugire nk’uk’ uvuze; mugabo, ubanze uncumbireko gatoya, ukanzanire hano, uheze ubone kwicumbira, mwe n’umwana wawe;


Maze Yoramu abonye Yehu, aramubaza, ati N’amahoro ga Yehu? Aramwishura, at’ Amahoro ki, ubusambanyi bga nyoko Yezebeli n’uburozi bgiwe bikiri ngaho ar’ isinzi?


Nuko nawe, mwana w’umuntu, tungīra ijisho abakobga b’ ubgoko bganyu, bavuga ibiva mu mitima yabo ubgabo; ubabūrire,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite