Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ngo Ndazi i bikorwa vyawe n’ubutame bgawe n’ukwihangana, kandi yuk’ udashobora kwirengagiza ababi, ariko wagenzuye abiyita intumwa kand’ atari zo, usanga n’abanyabinyoma.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ndazi ibikorwa vyawe, ukuruha kwawe, n’ukwihangana kwawe. Ndazi ko utihanganira inkozi z’ibibi, kandi ko wasuzumye abo bose bigira intumwa kandi atari zo, ukamenya ko ari ababeshi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:2
21 Referans Kwoze  

Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi.


mugerageze vyose, mugumye ivyiza,


ngo Ndazi ibikorwa vyawe (ehe nashize imbere yawe urugi rwuguruye, nta wushobora kurwugara) yuk’ ufise ubushobozi buke, witondeye ijambo ryanje, ntiwihakanye izina ryanje.


Arikw itanguriro ry’Imana ryo kwubakako rirakomeye, ryanditswekw iki kimenyetso, ng’ Uhoraho arazi abiwe; kandi ng’ Umuntu wese avuga izina ry’Uhoraho ave mu kugabitanya.


twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese.


kand’ ata bundi buriho; ariko harih’ abantu babahagarika imitima, bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bga Kristo.


Kuk’ Uhoraho azi inzira y’ abagororotsi, Arikw inzira y’abanyavyaha ijana mu mahonero.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi, ut’ Ūfise Impwemu ndwi z’Imana n’inyenyeri ndwi, aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvugwa k’uri muzima, arik’ ur’ uwapfuye.


Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani.


Arikw ic’ ufise n’uko wanka ibikorwa vy’Abanikolayiti, ivyo nanje nanka.


ngo Ndazi ibikorwa vyawe, yuk’ udakonje kandi ntubire. Icompa ugakonja cank’ ukabira!


Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.


Icatumye avuga artyo kwār’ ukumugeza, kuk’ ubgiwe yar’ azi ico agira akore.


Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk’ivya mbere. N’utagira urtyo, nzoza kuri wewe nkūre igiterekwakw itara cawe ahantu haco, shiti wihannye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite