Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 ngo Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ingen’ ushitsa ibango ryawe, n’ukwihangana kwawe, kandi kw ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivya mbere kuba vyinshi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ndazi ibikorwa vyawe, urukundo rwawe, ukwizera kwawe, ukwitanga kwawe n’ukwihangana kwawe. Ndazi kandi ko ibikorwa vyawe vy’ubu biruta mu bwinshi ivyo wakora mu ntango.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:19
16 Referans Kwoze  

Arikw inyanduruko y’ukwigisha kwacu n’ukugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, no ku kwizera kutar’ ukw’ uburyarya.


ukwubaha Imana mukwongereko gukunda bene Data; ugukunda bene Data mukwongerek’ urukundo.


Ishami ryose ryo muri jewe ritāma, arikūraho; kand’ iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama.


Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.


Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.


Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuk’ urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.


Ariko none Timoteyo arashitse, avuye i wanyu, atuzaniye inkuru nziza y’ukwizera kwanyu n’urukundo rwanyu, kandi yuko mutwibuka neza imisi yose, mudukumbura mugomba kubonana natwe, nk’uko natwe tubakumbura.


Ikigeretse kur’ ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana.


ngo Ndazi ah’ uba, kw ari ho umurwa wa Satani uri; kandi wumiye kw izina ryanje, ntiwihakanye kunyizera no mu misi ya Antipa, icabona canje, n’umugororotsi wanje, yiciwe i wanyu, aho Satani aba.


ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani.


No mu busāza bazoba bacāma; Bazogira ubukame bginshi n’itōto:


Arikw inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, Ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.


Arik’ umugororotsi azokomerera mu nzira yiwe, N’ūfise amaboko yiziguye azokwama yunguka inkomezi.


Maz’ imisi yo gusasa kwiwe ishize, asubira i we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite