Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira, ut’ Umwana w’Imana, afise inyonga zisa n’imbeya z’umuriro, ibirenge vyiwe bisa n’umuringa w’umwakaka, aravuga ibi,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira uti: Umwana w’Imana, uwufise amaso aca ibibatsi nk’imbeya z’umuriro, akagira n’ibirenge vyakaka nk’umuringa, aravuga ati.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:18
22 Referans Kwoze  

rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.


Ndavuga rya jambo rishinzwe: Uhoraho yarambgiye, at’ Ur’ Ubura bganje, Uyu musi ndakuvyaye.


Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?


yerekanywe kw ar’ Umwana w’Imana mu buryo bga Mpwemu Yera, ukuzuka kwiwe kwavyerekanishije ubushobozi, ni we Yesu Kristo Umwami wacu.


mwebge mubgira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw isi, ng’ Urarogose, kuko navuze nti Nd’ Umwana w’Imana?


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Igihe kiza, kandi kirashitse, ah’ abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’ abazoryumva bazoba bazima.


Ūmwizeye ntazotsindwa n’urubanza, arik’ ūtamwizeye aramaze gutsindwa, kukw atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege.


Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ ūmwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.


Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.


Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi,


Natanayeli na we aramwishura, ati Mwigisha, ur’ Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli.


Bakigenda mu nzira, bashika ah’ ar’ amazi, iyo nkone iramubaza, it’ Ehe amazi: ikimbuza kubatizwa n’iki? [


Kand’ umubiri wiwe wasa n’akabuyenge kitwa tarushishi, mu maso hiwe hasa n’umuravyo, amaso yiwe yasa n’imuri z’umuriro, amaboko yiwe n’ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, kand’ ijwi ry’amajambo yiwe ryari rimeze nk’iry’ ishengero ry’abantu.


Umugore umwe yitwa Ludiya, umudandaza w’impuzu z’inyambarabami, wo mu gisagara citwa Tuwatira, yubaha Imana, aratwumviriza. Umwami Yesu amwugurura umutima, kugira ngw awushire ku vyo Paulo yavuga.


Ariko mweho abasigaye mu b’i Tuwatira, abadafise iyo nyigisho mwese, batāmenye ivyo ba bandi bita ivy’i bgina vya Satani, ndababgira, nti Nta wundi mutwaro mbikoreza atar’ uyu,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite