Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; ntawuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:17
24 Referans Kwoze  

Nukw amahanga azobona ugutsinda kwawe, n’abami bose bazobona icubahiro cawe; maz’ uzokwitwa izina risha, wiswe n’akanwa k’Uhoraho.


Kand’ izina ryanyu muzorisigarana abo nitoranirije, barigire umuvumo, bat’ Urakicwa n’Uhoraho Imana! Maz’ abasavyi banje bazokwitwa irindi zina.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Baririmbira indirimbo nsha imbere ya ya ntebe y’ubgami, n’imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bācunguwe ngo bakūrwe mw isi.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Kuko mwapfuye, kand’ ubugingo bganyu bukaba buhishanijwe na Kristo mu Mana.


Arik’ umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kukw ar’ ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu.


Arabishura, ati Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bgo mw ijuru, ariko bo ntibābihawe.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Imana agize, ati Rāba, abasavyi banje bazorya, ariko mweho muzokwicwa n’inzara; abasavyi banje bazonywa, ariko mweho muzokwicwa n’inyota; abasavyi banje bazonezerwa, ariko mweho muzomāramāra:


Kukw ikidambidambi n’igisesema k’Uhoraho, Arikw abagororotsi bo, asangiye ibanga na bo.


Bazohāzwa rwose n’ibiryoshe vyo mu ngoro yawe, Kand’ uzobashōra ku ruzi rw’umunezero wawe.


Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.


Arabishura, ati Jewe mfise ivyo kurya mwebge mutazi.


Kuk’ ukw ari k’ Uhoraho agize ku vy’inkone ziziririza amasabato yiwe, zigahitamw’ ibimunezereza, zikabangiriza isezerano ryiwe,


Umutima wimenyera uwawo mubabaro, Kand’ umunezero wawo umunyamahanga ntashobora kuwītamwo.


Mose abarira Aroni, ati Jana urwavya, urusukemwo manu yuzuye omeru imwe, urutereke imbere y’Uhoraho, kugira ngo rubīkirwe ab’urunganwe rwanyu uko ruzogenda rukurikirana.


ati Nzozishirira icibutso mu ngoro yanje no mu rugo rwanje, ndazihe n’izina riruta kugira abahungu n’abakobga; nzoziha izina ritazoshira, ritazokūrwaho.


Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ng’ UMWAMI W’ABAMI, ŪGANZA ABAGANZA.


Namba har’ ūfise amatwi yumva, ni yumve.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite