Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo, ut’ Ūfise inkota ikarishe aravuga ibi,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo uti: Uwufise inkota ikarishe, ifise ubugi bubiri, aravuga ati.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:12
10 Referans Kwoze  

Nuko rero ni wihane: n’utihana nzoza kuri wewe vuba, kand’ abo nzobarwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje.


kandi mu kuboko kwiwe kw’i buryo yar’ afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiwe hāvamw’ inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk’izuba iyo ryatse umutari.


Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.


Abasigaye bicishwa inkota y’ūvyagiye kuri ya farasi, imwe ivuye mu kanwa kiwe. Ibisīga vyose bifunereza inyama zavyo.


Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


arikw azocira aboro imanza zibereye, kand’ azoshinga urw’ abaciye bugufi bo mw isi mu kuri: azokubitisha isi inkoni ivuye mu kanwa kiwe, kand’ abanyakibi azobīcisha impwemu ziva mu minwa yiwe.


Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi,


akanwa kanje yakagize nk’inkota ikarishe, ampisha mu gitūtu c’ukuboko kwiwe; kandi yampinduye umwampi usennye, mu mutana wiwe ni ho anzigamira rwose.


Maze Ehudi yicurishiriza intambi; uburebure bgayo bgar’ itambge rimwe ry’ukuboko uciriye mu nkokora; ayambara kw itako ry’i buryo, ayirenzakw impuzu ziwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite