Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha ntazobabazwa na gato n’urupfu rwa kabiri.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:11
16 Referans Kwoze  

Ūri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Rupfu na Kuzimu batererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Namba har’ umuntu ari n’ugutwi ni yumve.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Ūri n’amatwi yumva, ni yumve.


Ūri n’amatwi ni yumve.


Kand’ at’ Ūri n’amatwi yumva, ni yumve.


Izindi zigwa mw ivu ryiza, ziramera, zihunda impeke, imwe ijana, iyindi ijana, birtyo birtyo. Avuze ivyo, avuga n’ijwi rirenga, at’ Ūri n’amatwi yumva ni yumve.


Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.


Namba har’ ūfise amatwi yumva, ni yumve.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite