Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana, zitanduye; izo mpuzu zera nziza ni zo bikorwa vyo kugororoka vy’abera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Impuzu zera, zimesuye kandi zikayangana, ni zo yahawe ngo yambare.” Impuzu zera zisigura ibikorwa vyiza vy’ukugororoka vy’abera b’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:8
21 Referans Kwoze  

Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka.


Ariko mwambare Umwami Yesu Kristo, kandi ntimubabare ivy’ umubiri, ngo mukore ivyo wifuza.


impuzu ziwe zirakayangana, zera derere, kandi nta mumesuzi kw isi yoshoboye kuzeza artyo.


aramubaza, ati Mugenzi wanje, winjiye ute hano utambaye impuzu y’ubukwe? Arajorerwa.


Abaherezi bawe bambare ukugororoka; N’abakunzi bawe bavuze impundu.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.


Kandi nkwambika impuzu zijererenze amabara, nkwambika inkweto zo mu nsāto z’ibikōko vyitwa tahashi, ngukenyeza umukenyero wera derere, ngutwikira ihariri.


Bagihanze amaso mw ijuru akigenda, abagabo babiri bambaye impuzu zera bahagarara i ruhande yabo;


Ivyo bikibazazaniye, abagabo babiri bahagarara i ruhande yabo, bambaye impuzu zikayangana.


n’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngw abizeye bose baguhabge. Kukw ata tandukaniro;


Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco.


Yijishira ivyo kuryamamwo, Yambara impuzu zera nziza n’iz’ amashigisha.


Kandi ni baza baciye mu birimba vy’ inyubakwa, baze bāze bambaye imyambaro yera; ntibaze bagire ico bambara c’ubgoya igihe bakorera ku birimba vy’inyubakwa no mu ngoro.


hasohoka ba bamarayika ndwi bava mur’ urwo rusengero bafise vya vyago ndwi, bambaye impuzu zera zitanduye, zikayangana, kandi bambaye imikanda y’izahabu mu gikiriza.


Ingabo zo mw ijuru ziramukurikira, zicaye ku mafarasi y’ibitare, zambaye impuzu nziza zera derere, zitanduye.


n’ivyirore, n’imvune zera, n’ibitambara bīteze mu mutwe, n’ubuyonga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite