Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Tunezerwe, duhimbarwe, tuyihe icubahiro, kuk’ ubukwe bga wa Mwagazi w’Intama bushitse, umugeni wiwe ariteguye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Tunezerwe, duhimbarwe, tuyihe icubahiro! Kuko ubukwe bw’Umwagazi w’intama burashitse, kandi umugeni wiwe aramaze kwitegura.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:7
29 Referans Kwoze  

Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi, bari bafise za nzavya ndwi zuzuye ivyago ndwi vy’iherezo, avugana nanje arambgira, ati Ngwino nkwereke umugeni, umugore wa wa Mwagazi.


Mbona umurwa wera, Yerusalemu musha, wururuka uva mw ijuru ku Mana, witeguwe nk’uk’ umugeni asharizwa umugabo wiwe.


Mbafuhira ifuhe ryo kubg’ Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye.


at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’umwami atahisha ubukwe bg’umwana wiwe arongora.


Umumarayika arambarira, at’ Andika, uti Hahirwa abatorewe gutaha ubukwe bga wa Mwagazi. Kand’ arambarira, at’ Ayo n’amajambo y’ukuri y’Imana.


Iryo banga rirahambaye, ariko mbivuze kuri Kristo n’ishengero.


Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.


Nk’uk’ umusore arongora inkumi, ni kw abakubamwo bazokurongora, ewe Yerusalemu; kandi nk’uk’ umukwe anezererwa umugeni, ni kw Imana yawe izokunezererwa.


Kuk’ umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ar’ umutwe w’ishengero, akaba Umukiza waryo, ari wo mubiri wiwe.


Munezeranwe n’i Yerusalemu, muhimbarwe kubgaho, yemwe abahakunda mwese; munezeranwe na ho akanyamuneza, yemwe abāharirira mwese:


namwe muse n’abantu barorereye shebuja, igihe agarukira ava mu bukwe, ngo ni yaza, akaramutsa, bace bamwugururira.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi zawe, ewe Siyoni; ambara imyambaro yawe ishajije, ewe Yerusalemu wa murwa wera; kuk’ uhereye none muri wewe hatazoshika ūtākebge cank’ igihumane.


Yemwe bakobga b’i Siyoni, ni musohoke murābe umwami Salomo, Afise igitsibo yambitswe na nyina ku musi w’ubukwe bgiwe, Ni wo musi w’umunezero w’umutima wiwe.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Kugira ngo nerekanire ishimwe ryawe ryose Mu marembo y’umukobga w’i Siyoni; Kandi nzonezererwa agakiza kawe.


Maze Hana arasenga, at’ Umutima wanje uvugiriza Uhoraho impundu, Ihembe ryanje rivyuwe n’ Uhoraho; Akanwa kanje kāsamiye abansi banje, Kuko nnejerejwe n’agakiza kiwe.


Iy’ abagororotsi bagwiriye, abantu baranezerwa, Arikw iy’ umunyakibi aganza, abantu baraniha.


Abagororotsi bazobibona banezerwe, Ubugāba bgose bgizibe akanwa.


Umusozi Siyoni unezerwe, Abakobga ba Yuda bahimbarwe Kubg’ imanza ziroranye zawe.


Yemwe banyamahanga, ni munezeranwe n’abantu bayo, Kukw abāvishije amaraso y’ abasavyi bayo izoyabahōra, Kand’ izokwihōra abarwanizi bayo, Itangire impongano igihugu c’abantu bayo.


Muzobibona, kand’ imitima yanyu izonezerwa, n’amagufa yanyu azototahara nk’ubgatsi bubisi, kand’ ukuboko kw’ Uhoraho kuzomenyekana mu basavyi biwe, kand’ azorakira abansi biwe.


Akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera.


Uwo mwanya isi iratigita, ikigiracumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi ndwi, abarokotse baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana Nyen’ ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite