Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nca numva amajwi avuga nk’ay’abantu amasinzi n’amasinzi, avuga nk’imipfunda yo mu kiyaga ikomeye, agaturagara nk’inkuba, avuga ati: “Haleluya! Umwami wacu Imana Mushoboravyose iraganje.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:6
25 Referans Kwoze  

Uhoraho arahangamye; isi n’ihimbarwe; Ibizinga vyo mu kiyaga binezerwe uko bingana.


Numva ijwi rivuye mw ijuru, nk’iry’ amazi menshi asūma, kandi nk’iry’ inkuba ituragara cane: kand’ iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’ abacuraranzi bacuraranga inanga zabo.


Hanyuma y’ivyo numva mw ijuru ikimeze nk’ijwi rirenga ry’ishengero ryinshi, riti Haleluya; agakiza n’ubgiza n’ububasha n’ivy’ Imana yacu,


Uhoraho arahangamye; amahanga ahinze agashitsi! Avyagiye ku Bakerubi; isi iranyiganyiga!


Uhoraho arahangamye, avogereye mu cubahiro; Uhoraho aravogereye, akenyeje inkomezi. Noneh’ isi na yo irashimangiye, ntinyiganyizwa.


Mbona Umwagazi w’Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwi tumatanije ca gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk’ijwi ry’inkuba, kiti Ngwino.


ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, utukujwe n’umuriro; n’ijwi ryiwe ryari rimeze nk’iry’ amazi menshi asūma,


Kand’ iyo bigiye, numva guhinda kw’amababa yavyo, ni nko guhinda kw’amazi menshi, nk’ ijwi ry’Īshobora vyose, nk’uguhinda kw’ingabo: iyo bihagaze vyabumba amababa yavyo.


Kandi sinabonye urusengero kuri wo, kuk’ Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo.


Mw ijuru numva ijwi rirenga, riti Noneh’ agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubgami bg’Imana yacu n’ububasha bga Kristo wayo: kuk’ Umurezi wa bene Data akororewe hasi, yahora abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu.


Umumarayika ajana icotero, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, ashiburira mw isi: habah’ imituragaro n’amajwi n’imiravyo no gutigita kw’isi.


Kandi kuri ya ntebe y’ubgami hava imiravyo n’amajwi n’imituragaro: kand’ imuri ndwi z’umuriro zākira imbere y’iyo ntebe, ni zo Mpwemu ndwi z’Imana:


ngize ntya mbona ubgiza bg’Imana y’ Abisirayeli buje buturutse mu nzira y’i burasirazuba. Ijwi ryayo ryari rimeze nk’ugusūma kw’ amazi menshi; isi ikayanganishwa n’ubgiza bgayo.


Ereg’ ibirenge vy’ūzanye inkuru nziza ni vyiza ku misozi, akamamaza ivy’ amahoro, akazana inkuru nziza z’ivyiza, akamamaza ivy’ agakiza, akabarira Siyoni, at’ Imana yawe iri ku ngoma!


Munezererwe Uhoraho, yemwe bagororotsi; Kandi muhimbaze izina ryiwe ryera.


Imituragaro y’inkuba yawe yari mu gashururu: Imiravyo ibonesha mw isi, Isi ihinda agashitsi, iratigita.


Canke se, unganya amaboko n’Imana? Woshobora guturagarisha ijwi nka yo?


Ni ho ijuru n’isi n’ibirimwo vyose bizoririmbishwa n’umunezero wo kwitamba kuri Babuloni; kukw abanyazi bazohāzira bavuye i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kukw Imana ar’ Umwami w’ isi yose, Muririmbishe ishimwe ryayo indirimbo ironkeshejwe ubgenge.


Kuk’ Uhoraho asumba vyose ateye ubgoba, N’Umwami ahambaye aganza isi yose.


kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.


Ba bakuru mirongwibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe, biti Amen; Haleluya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite