Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ba bakuru mirongwibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe, biti Amen; Haleluya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ba batama mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine baca bikubita hasi bubamye, batazira Imana yicaye ku ntebe y’inganji, bavuga bati: “Amen! Haleluya!”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:4
20 Referans Kwoze  

Kandi vya binyabugingo bine biravuga, biti Amen. Bano bakuru bikubita hasi, barasenga.


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, n’ashemagizwe Nk’uko vyamye uhereye kera hose, ugashitsa ibihe bidashira. Kand’ abantu bose ni bavuge, bati Amen. Haleluya!


Ezira araheza ahimbaza Uhoraho Imana isumba vyose, abantu bose bashira amaboko hejuru, bati Amen, Amen. Baraheza barunama bashika hasi imbere y’Uhoraho, bubika amaso kw isi.


Hanyuma y’ivyo numva mw ijuru ikimeze nk’ijwi rirenga ry’ishengero ryinshi, riti Haleluya; agakiza n’ubgiza n’ububasha n’ivy’ Imana yacu,


Kimwe muri vya binyabugingo bine giha bano bamarayika ndwi inzavya ndwi z’izahabu, zuzuye uburake bg’Imana ibaho ibihe bitazoshira.


Yeremiya ūvugishwa n’Imana aravuga, at’ Amen! Uhoraho n’ akore nk’uko! Uhoraho n’ashitse amajambo yawe uvugishijwe, agarukane ivy’ imbombovu vyo mu ngoro y’Uhoraho, n’abo bose bānyazwe, abakūre i Babuloni abazane aha hantu!


Uhoraho ahimbazwe ibihe bitazoshira. Amen, kandi Amen.


Izina ryayo ry’icubahiro rihimbazwe ibihe bidashira; Kand’ isi yose yuzure icubahiro cayo; Amen, kandi Amen.


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ahimbazwe, Uhereye kera hose, ukageza ibihe vyose, Amen, kandi Amen.


Maze nkunkumura umutamana wanje, nt’ Umuntu wese atazoshitsa iri jambo, Imana iz’ imukunkumure mu nzu yiwe no mu vyiwe; az’ abe ari kw akunkumurwa, asigare agaragara. Nukw ikoraniro ryose riremera, riti Amen; baraheza bahimbaza Uhoraho. Nukw abantu bagumya iryo sezerano.


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, n’ashemagizwe Nk’uko vyamye uhereye kera hose, ugashitsa ibihe bidashira. Nukw abantu bose baritabiriza, bati Amen; batazira Uhoraho.


Iy’ ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbeg’ ūri ku ruhande rw’abatungu yoshobora ate kuvuga, ati Amen, ni waheza gushima, kand’ atamenye ic’ uvuze?


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


Abanyavyaha ni bahone bashire mw isi: Ababi boye kubah’ ukundi. Mutima wanje, himbaza Uhoraho. Haleluya.


Rivuga ubugira kabiri, riti Haleluya. Kand’ umwotsi wiwe upfunduka ibihe bitazoshira.


Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite