Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Rivuga ubugira kabiri, riti Haleluya. Kand’ umwotsi wiwe upfunduka ibihe bitazoshira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Bongera barasemerera bati: “Haleluya! Umwotsi uva muri ca gisagara wama uduga ibihe vyose.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:3
9 Referans Kwoze  

Ntikizozimwa ku murango no mw ijoro, umwotsi waco uzopfunduka ibihe bidashira; kizohora ar’ amatongo uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana: kandi nta wuzogicamwo gushitsa ibihe bitazoshira.


kandi bakirāba umwotsi wo kuyigizwa kwaco barataka, bati N’ikihe cari gihwanye na kiriya gisagara gihambaye?


Kand’ abami bo kw isi, abāsambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amarūru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe,


Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.


Hanyuma y’ivyo numva mw ijuru ikimeze nk’ijwi rirenga ry’ishengero ryinshi, riti Haleluya; agakiza n’ubgiza n’ububasha n’ivy’ Imana yacu,


yerekeza amaso ahahera i Sodomu n’i Gomora n’igihugu cose ca ca kiyaya, aritegereza, abona imyotsi y’ico gihugu ipfūndūka nk’ imyotsi y’itanure.


Kandi n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora bo n’ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko bitanze bakīha ubusambanyi nka ba bandi, n’ukwendana, ukw imibiri itaremewe, ivyo bisagara vyashiriweho kuba akabarore, bibabazwa n’igihano c’umuriro utazima.


Abanyavyaha ni bahone bashire mw isi: Ababi boye kubah’ ukundi. Mutima wanje, himbaza Uhoraho. Haleluya.


Ba bakuru mirongwibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe, biti Amen; Haleluya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite