Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 ngo murye inyama z’abami n’iz’ abakuru b’abagabisha b’abasoda n’iz’ abahizi n’iz’ amafarasi n’iz’ abayicarako n’iz’ abantu bose, abidegemvya n’abagurano, aboroshe n’abahambaye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 kugira ngo murye inyama z’abami, abagabisha b’ingabo, abahambaye, amafarasi n’abayagenderako, n’inyama z’abantu bose, abagurano n’abidegemvya, abakuru n’abato.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:18
18 Referans Kwoze  

Abami bo mw isi n’abaganwa n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abatunzi n’abanyenkomezi n’abagurano bose n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi;


nzobatanga mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’ababahiga ngo babice, kand’ imivyimba yabo izoba inyama z’ibisīga vyo mu kirēre n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


Kandi nzohindurira ubusa aha hantu inama z’i Buyuda n’iz’ i Yerusalemu; nzobahindikiranya n’inkota imbere y’abansi babo, bicwe n’amaboko y’ababahīga: kand’ imivyimba yabo nzoyigabura ibe inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


ati Bazopfa rubi: ntibazoborogerwa, ntibazohambga; bazoba nk’intabire yometse ku misozi: bazoba bamazwe n’inkota n’inzara; kand’ imivyimba yabo izoba inyama z’ibisiga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo kw isi.


Kand’ imivyimba y’ubu bgoko izoba inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi, ata wo kuvyirukana ariho.


Uyu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje; ngira nkwice, nguce izosi; kand’ imivyimba y’ingabo z’Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo mw ishamba, kugira ngw isi yose imenye ko mu Bisirayeli har’ Imana;


Uwo Mufilisitiya abarira Dawidi, ati Ngwino nkubāgire ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo mw ishamba!


Imivyimba yanyu izoba inyama z’ibisīga vyose vyo mu kirere, n’iz’ ibikōko vyo kw isi, ntihazogira ūvyāmurura.


Kigera ko bose, aboroshe n’abahambaye, n’abatunzi n’aboro, n’abidegemvya n’abagurano, bashirwakw ikimenyetso ku kiganza c’i buryo canke mu ruhanga:


Baramubaza, bati Bizoba hehe ga Mushingantahe? Arabishura, at’ Ah’ umuvyimba uri hose, ni ho ibinyakabaka bizokoranira.


Ah’ umuvyimba uri hose, ni ho ibinyakabaka bizokoranira.


Kandi nzogushiburira mu bugaragwa, mwe n’amafi yose yo mu nzūzi zawe: uzogwa mu gahinga ka sabaderi; ntuzoruha unobga canke ngo wēgeranywe; naragutanze ng’ ube ivyo kurya vy’ibikōko vyo kw isi n’ibisīga vyo mu kirēre.


Nuko rero, mwana w’umuntu, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Barira ibisīga vy’amoko yose, n’ibikōko vyose vyo mw ishamba, uti Ni mukoranire hamwe, muze; mwikoranirize hamwe muvuye impande zose, muze ku kimazi canje mbacumitiye, ikimazi gihambaye ku misozi y’i Bgisirayeli, kugira ngo murye inyama, munywe amaraso.


Kand’ amahanga araraka, uburake bgawe buraza, igihe co guciramw’ amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramw’ abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamw’ abahonnya isi.


Ya mahembe cumi wabonye na ca gikōko bizokwanka uwo maraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro.


Ijwi riva kur’ iyo ntebe rivuga, riti Ni mushime Imana yacu, yemwe mwese abagurano bayo, abayubaha, aboroshe n’abakomeye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite