Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ng’ UMWAMI W’ABAMI, ŪGANZA ABAGANZA.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Kw’ikanzu yiwe no kw’itako rwiwe hari handitseko ngo: umwami w’abami, uwuganza abatware.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:16
13 Referans Kwoze  

Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


kuzokwerekanwa mu gihe cakwo n’Inyabushobozi yonyene, ishemagizwa, ni yo Mwami w’abami, ūganza abaganza;


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


Mber’ abami bose bazomwikubita imbere, Amahanga yose azomusaba.


Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana isumba izindi, n’Umwami asumba abandi, n’ Imana ihambaye, n’Inyabushobozi iteye ubgoba, idatinya abantu ku kigohe, itarya ingurire.


Kandi nzomugira imfura yanje, Asumbe abami bo mw isi.


Umwami na we azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


Ni mushime Umwami w’ abami, Kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite