Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe; kandi iyo ni yo yakubitisha amahanga. “Azoganzisha amahanga agacinyizo.” Azorekura ubushangashirwe bw’Imana Mushoboravyose nk’uwuganira inzabibu mu bwato.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:15
15 Referans Kwoze  

kandi mu kuboko kwiwe kw’i buryo yar’ afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiwe hāvamw’ inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk’izuba iyo ryatse umutari.


azoyaragiza inkoni y’icuma, nk’uko bamenagura inzavya z’ibumba; nk’uko nanje nahawe na Data.


Uzobavunaguza inkoni y’icuma, Uzobamenagura nk’ikibumbano.


Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe.


arikw azocira aboro imanza zibereye, kand’ azoshinga urw’ abaciye bugufi bo mw isi mu kuri: azokubitisha isi inkoni ivuye mu kanwa kiwe, kand’ abanyakibi azobīcisha impwemu ziva mu minwa yiwe.


Abasigaye bicishwa inkota y’ūvyagiye kuri ya farasi, imwe ivuye mu kanwa kiwe. Ibisīga vyose bifunereza inyama zavyo.


Avyara umwana w’umuhungu, ni we azoragiza amahanga inkoni y’icuma. Umwana wiwe arasahurwa, ajanwa ku Mana no ku ntebe yayo.


Nuko rero ni wihane: n’utihana nzoza kuri wewe vuba, kand’ abo nzobarwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo, ut’ Ūfise inkota ikarishe aravuga ibi,


Kukw ikirundo c’inkwi citeguwe uhereye kera, mbere citeguriwe umwami; Uhoraho yakigize kirekire kandi kinini; ibigikomanije n’umuriro n’ibigiga vyinshi; impwemu z’Uhoraho zimeze nk’ umugezi w’amazuku ni zo zibidometse.


Ni musohore imihoro, kukw iyimbura rigeze! Ni muze mugane, kuk’ ubgato bguzuye, kand’ amāto akaba abōgabōga; kukw ibibi vyabo ari vyinshi.


Uwo ni we gisāngānya azosāngānya imitima ya ba se n’iy’ abana; kugira ngo noye kuzoza ngatera isi umuvumo.


uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. Kand’ azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite