Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ingabo zo mw ijuru ziramukurikira, zicaye ku mafarasi y’ibitare, zambaye impuzu nziza zera derere, zitanduye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ingabo zo mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, zambaye impuzu zera zikayangana.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:14
18 Referans Kwoze  

Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana, zitanduye; izo mpuzu zera nziza ni zo bikorwa vyo kugororoka vy’abera.


Kandi Henoki, ni we yagira indwi uhereye kuri Adamu, yavugishijwe n’Imana ivyabo, at’ Eh’ Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe,


Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Ishusho yiwe yasa n’umuravyo, impuzu ziwe zera nka shelegi.


Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Arik’ ufise amazina makeya y’ab’ i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye.


Muzohunga muce mu ruhomoka rwo mu misozi yanje; kuk’ uruhomoka rwo mur’ iyo misozi ruzoshika no kuri Azeli: mbere muzohunga nk’uko mwāhunze hamwe isi yatigita ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda; maz’ Uhoraho Imana yanje azoza azananye n’abera bose.


Ubgo bgato buganishirizwamw’ ibirenge inyuma ya ca gisagara, amaraso ava mu bgato, ashitsa stadiyo igihumbi n’amajana atandatu, agera ku mijiginya y’amafarasi.


Kandi mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo.


no kwishura mwebge abayaterwa kuruhukana natwe, ah’ Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe,


Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika basāga legiyono cumi na zibiri?


Imikogote y’Imana n’ibihumbi cumi, ibihumi cumi, Mbere n’ibihumbi n’ibihumbi: Umwami Imana ari hagati yayo; Sinayi ur’ ahēra ho mu rusengero.


Yijishira ivyo kuryamamwo, Yambara impuzu zera nziza n’iz’ amashigisha.


ngo Mubgire umukobga w’i Siyoni, Muti Rāba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ar’ umutekerezi, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


n’ivyirore, n’imvune zera, n’ibitambara bīteze mu mutwe, n’ubuyonga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite