Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:11
28 Referans Kwoze  

Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze, Agira aze gucira abari mw isi imanza, Azocira abari mw isi imanza zibereye, N’amahanga nk’ukw ar’ umwizigirwa.


Mbona ifarasi y’igitare, kand’ ūyicayeko yar’ afise umuheto, ahabga igitsibo, agenda anesha, kandi ngo yame anesha.


Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze gucira abari mw isi imanza: Azocira abari mw isi imanza zigororotse, N’amahanga izibereye.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,


Ijuru rizoserura ukugororoka kwayo: Kukw Imana ubgayo ari yo mucamanza. Sela.


Mur’ iyo misi no mur’ ico gihe nzoshamikisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi; azoca iziroranye n’izigororotse mu gihugu.


Rāba, umwami azoganza mu bugororotsi, n’abaganwa bazotwaza imanza ziroranye.


Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya, ut’ Uwera, uw’ ukuri, ūfise urupfunguzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kand’ uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi,


Ni mubivuge, ni mubizane, mbere ni baje inama hamwe: ni nde yerekanye ivyo uhereye mu bihe vya kera? Ni nde yabimenyekanishije uhereye kera? Si jewe, Uhoraho? Kandi nta yindi Mana atari jewe, Imana igororotse kand’ Umukiza; nta yindi atari jewe.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


Inkomezi z’umwami n’ugukunda imanza zibereye; Ni wewe ushinga ibiroranye. Imanza zibereye n’izigororotse ni wewe ubikorera mu ba Yakobo.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


Mu mwaka wa mirongwitatu, mu kwezi kwa kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari kumwe n’abājanywe ar’ inyagano turi ku ruzi Kebari; ijuru riruguruka, maze mbona ivyo neretswe bivuye ku Mana.


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Zekariya aravuga, ati Mw ijoro nagize ntya, mbona umuntu agendera kw ifarasi y’akagajo, ahagaze hagati y’ibiti vy’imihadasi vyo mu gasōko; kand’ inyuma yiwe hār’ amafarasi y’utugajo n’ay’ utunyomvyi n’ay’ ibitare.


Uhoraho n’intōre mu ntambara, Uhoraho ni ryo zina ryiwe.


Arongera aramubgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgira yuko muzobona ijuru rikingurutse, kand’ abamarayika b’Imana badūga bamanuka ku Mwana w’umuntu.


Mbona ca gikōko n’abami bo kw isi n’ingabo zabo bakoraniye kurwanya ūvyagiye kuri ya farasi n’ingabo ziwe.


Abasigaye bicishwa inkota y’ūvyagiye kuri ya farasi, imwe ivuye mu kanwa kiwe. Ibisīga vyose bifunereza inyama zavyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite