Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo numva mw ijuru ikimeze nk’ijwi rirenga ry’ishengero ryinshi, riti Haleluya; agakiza n’ubgiza n’ububasha n’ivy’ Imana yacu,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’ivyo nca numva amajwi asamirana mw’ijuru ameze nk’ay’abantu amasinzi n’amasinzi, asemerera ati: “Haleluya! Agakiza, icubahiro n’ubushobozi, ni ivy’Imana yacu,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:1
23 Referans Kwoze  

Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Uhoraho, ubukuru n’ubushobozi n’icubahiro n’ inganji n’igitinyiro n’ivyawe; kukw ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi vyose ar’ ivyawe; ubgami n’ubgawe, ewe Uhoraho, kandi ni wewe ushizwe hejuru ng’ube ūsumba vyose.


kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye.


Mw ijuru numva ijwi rirenga, riti Noneh’ agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubgami bg’Imana yacu n’ububasha bga Kristo wayo: kuk’ Umurezi wa bene Data akororewe hasi, yahora abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu.


Haleluya! Mw ijuru ni mushime Uhoraho: Ni mumushimire ahasumba ijuru.


Ariko jeho nzogushikanira ikimazi nsēsereza impundu, Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye. Agakiza kava k’Uhoraho.


Haleluya! Mushimire Imana ahēra hayo, Muyishimire no mw itāzānure ry’ubushobozi bgayo!


Haleluya! Mutima wanje, n’ushime Uhoraho.


Ariko tweho tuzohora dushemagiza Uhoraho, Uhereye none, ugashitsa ibihe vyose. Haleluya!


Haleluya! Ni mushimire Uhoraho yukw ari mwiza: Kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.


Agakiza n’ak’ Uhoraho: Umugisha utanga ube ku bantu bawe. Sela.


Haleluya! Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, Muririmbire ishimwe ryiwe mw ikoraniro ry’abakunzi biwe.


Haleluya! Nzoshimisha Uhoraho umutima wanje wose Mw ikoraniro ry’abatunganye no mw ishengero ryabo.


Imana yavuze rimwe; Navyumvise kabiri; Ngw Imana ni yo ifise inganji:


Abanyavyaha ni bahone bashire mw isi: Ababi boye kubah’ ukundi. Mutima wanje, himbaza Uhoraho. Haleluya.


Ni ho ijuru n’isi n’ibirimwo vyose bizoririmbishwa n’umunezero wo kwitamba kuri Babuloni; kukw abanyazi bazohāzira bavuye i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite