Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa, kand’ azotongozwa umuriro: kuk’ Umwami Imana amuciriyekw iteka ar’ uw’ ubushobozi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 None rero ku musi umwe, kizohwikirwa n’ivyago: urupfu, ikigandaro n’ikigoyi. Kizotongorwa n’umuriro, kuko Umwami Imana agiciriye urubanza ari umunyabushobozi.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:8
18 Referans Kwoze  

Arik’ Umucunguzi wabo arakomeye: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe; azobītsa mu manza zabo, kugira ngw ahe isi kuruhuka, arikw atere ababa i Babuloni imitima ihagaze.


Ehe tuzohigūra twe nawe, wa munyabgibone we, ni jewe Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze; kuk’ umusi wawe ushitse, ni wo gihe nkūziye.


Ya mahembe cumi wabonye na ca gikōko bizokwanka uwo maraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro.


Biyorera imikungugu ku mitwe, bataka barira baboroga, bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bgaco abafise amato yabo mu kiyaga bose, kuko cakomvowe mw isaha imwe!


Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Inzitiro zagutse z’i Babuloni zizosangangurwa rwose, n’amarembo yaho maremare atongozwe umuriro; kand’ amahanga azoba yar’ atamijwe n’ubusa, n’amoko azoba yar’ aruhijwe n’ibizoja mu muriro.


Ni muhunge muve hagati muri Babuloni, umuntu wese yunzūre amagara yiwe; ntimuranduranwe na ho, muzira ibigabitanyo vyaho, kukw ar’ igihe c’uguhōra kw’Uhoraho, agira ahasubirize mu nkōko.


Rivuga ubugira kabiri, riti Haleluya. Kand’ umwotsi wiwe upfunduka ibihe bitazoshira.


kuk’ ubutunzi bungaho bukomvomvotse mw isaha imwe! Kandi nyen’ ubgato wese, n’umuntu wese ajabukirizwa mu bgato ahantu hose, n’abasoza, n’abatunzwe n’ikiyaga, bari bahagaze kure,


Umugore wabonye ni we ca gisagara gihambaye, kiganza abami bo kw isi.


bati Turagushimye, Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wābiriye ububasha bgawe buhambaye, ukima.


Imana yavuze rimwe; Navyumvise kabiri; Ngw Imana ni yo ifise inganji:


Namba tuvuga inkomezi z’ umunyenkomezi, rāba na yo ni yo! Namba tuvuga ivyo kubūrana, ni nde yoyihamagaza?


Kur’ uwo musi Uhoraho azohanisha inkota yiwe ikarishe nini ikomeye Lewiyatani ca kiyoka kinyaruka, ni co Lewiyatani ca kiyoka cigonyonzora, kand’ azokwica ca gisato c’amahēro co mu kiyaga.


Ni co kizotuma Uhoraho azoca Abisirayeli umutwe n’umurizo, ishami ry’ikigazi n’umubere, ku musi umwe.


Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite