Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Numva ijwi rindi rivuye mw ijuru, rivuga, riti Bantu banje, ni muve i we, kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabga ku vyago vyiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nca numva irindi jwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “ ‘Nimusohoke mukivemwo, mwa bwoko bwanje,’ kugira ngo ntimwifatanye na co mu vyaha vyaco, maze mugashikirwa n’ivyago bizogishikira.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:4
16 Referans Kwoze  

Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,


Ni muhunge muve hagati muri Babuloni, umuntu wese yunzūre amagara yiwe; ntimuranduranwe na ho, muzira ibigabitanyo vyaho, kukw ar’ igihe c’uguhōra kw’Uhoraho, agira ahasubirize mu nkōko.


Yemwe bantu banje, ni muve hagati muri ho, mwikize mwese uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho.


Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.


Muhunge muve hagati y’i Babuloni, muve mu gihugu c’ Abakaludaya, mube ba kizigenza nk’impfizi z’impene mu mukuku.


Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.


Ni muve i Babuloni, muhunge muve mu Bakaludaya, muvuge ibi, mubikwize, muvyamamaze gushitsa ku mpera y’isi, mubivugishe ijwi ry’indirimbo, mut’ Uhoraho acunguye umusavyi wiwe Yakobo.


Iy’ ubonye umusuma, wemeranya na we, Kandi wifatanya n’abasambanyi.


kuk’ ūzomuha ikāze azoba afatanije na we mu bikorwa vyiwe bibi.


Yemwe abakize inkota, mugende, ntimuhagarare; munyibuke, jewe Uhoraho, mukiri kure, i Yerusalemu hagaruke mu mitima yanyu.


mukavuga mut’ Iyo tuba twariho mur’ ico gihe ca ba sogokuruza, ntitwari gufatanya na bo kuvisha amaraso y’abāvugishwa n’Imana.


Nuko Loti arasohoka, abarira abakwe biwe basavye abakobga biwe, ati Vyuka, muve aha hantu, kuk’ Uhoraho agira arandure iki gisagara. Ariko ku bakwe biwe yar’ ameze nk’uwizāgira.


Twagerageje kuvūra Babuloni, ariko ntihakize: reka tuhahebe, umuntu wese ni yisubirire mu gihugu cabo: kukw iteka haciriweko rishitse no kw ijuru, rigiye hejuru gushitsa no mu bicu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite