Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kukw amahanga yose yanyoye vino, ni zo burake bg’ubusambanyi bgiwe, kand’ abami bo kw isi bāsambana na we, abadandaza bo kw isi bātungishwa n’ubginshi bg’ibihinda vyiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Kuko amahanga yose yanyoye ku muvinyu w’ubusambanyi bwaco burenze urugero. Abami b’isi bose basambanye na co, kandi abadandaza bo kw’isi batungishijwe n’ibikayangana vyaco vyinshi cane.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:3
17 Referans Kwoze  

Uyo abami bo kw isi bāsambana na we, ababa kw isi bakaborerwa vino, ni zo busambanyi bgiwe.


Umumarayika wundi wa kabiri akurikirirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo burake bg’ubushakanyi bgaco.


Kand’ abami bo kw isi, abāsambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amarūru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe,


Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.


Babuloni cār’ igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Uhoraho, cāboreje isi yose: amahanga yanyoye kuri vino yaco, ni co catumye azimira ubgenge.


Abāri bamenyereye gufungura ibigemānije basigaye bagwira isari mu nzira; Abārerewe mu mpuzu z’ inyambarabami basigaye barambarara ku macukiro.


Nebukadineza umwami w’i Babuloni yaramfyonderanije, arandotsa, angira urwavya rusigaye ubusa, yaranyongobeje nk’igisato c’amahēro, yagemereje inda yiwe ivyar’ ivyiza vyanje; yaranyirukanye.


Uko ni ko bizokubera, ivyo wakobereje; abādandaza nawe uhereye mu buto bgawe bazokwīgīra, umuntu wese yīgīre ahiwe; ntihazogira ūgukiza.


Ariko mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’ abambara impuzu zishajije n’abinibanibira baba mu ngo z’abami.


Ivyo vyose vyatewe n’ubusambanyi burenze urugero bga maraya ateye igomwe, umurozikazi w’umuhanga, aresha amahanga kubg’ ubusambanyi bgiwe, n’imiryango kubg’ uburozi bgiwe.


Arikw abapfakazi bakiri bato ntubemerere, kuko kwifuza kw’umubiri ni kwamara kubatera kugarariza Kristo bazogomba kwābīrwa,


Nk’uko yihimbaza, akīgirira ibihinda, abe ari ko mumuha kubabazwa agashinyaguro no kuboroga. Kuko yibgira mu mutima, ngo Mvyagiye nd’umwamikazi, sind’ umupfakazi, sinzobona amaborogo n’akazirukanyo:


Biyorera imikungugu ku mitwe, bataka barira baboroga, bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bgaco abafise amato yabo mu kiyaga bose, kuko cakomvowe mw isaha imwe!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite