Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Nta muco w’amatara uzosubira gukayangana muri wewe. Nta majwi y’umukwe n’umugeni azosubira kwumvikana muri wewe. Abadandaza bawe bari rurangiranwa kw’isi. Amahanga yose yazimijwe n’amareba yawe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:23
26 Referans Kwoze  

Kukw amahanga yose yanyoye vino, ni zo burake bg’ubusambanyi bgiwe, kand’ abami bo kw isi bāsambana na we, abadandaza bo kw isi bātungishwa n’ubginshi bg’ibihinda vyiwe.


Ni nde yagabiye kugirira Tiro ivyo, kand’ ar’ igisagara cambika ibitsibo, abadandaza baho bakaba abahambaye, n’abahanjo baho bakaba ar’ abanyacubahiro mw isi?


Ivyo vyose vyatewe n’ubusambanyi burenze urugero bga maraya ateye igomwe, umurozikazi w’umuhanga, aresha amahanga kubg’ ubusambanyi bgiwe, n’imiryango kubg’ uburozi bgiwe.


Maze mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni: kukw igihugu kizoba gicitse amatongo.


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


Kuk’ ukw ari ko ngize, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nti Rāba aha hantu nzohaca ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, mbikore mukibona mukiriho.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Ntihazokwumvikana ukundi muri wewe ijwi ry’abacuraranzi n’iry’ abaririmvyi, n’iry’ abavuza imyironge n’iry’ abavuza inzamba; kandi nta muhinga w’umunyabuhinga bgose agisubira kuboneka muri wewe ukundi, kand’ ukuvuga kw’urusyo ntikugisubira kwumvikana muri wewe ukundi.


Kand’ abami bo kw isi, abāsambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amarūru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe,


Mu ruhanga afise izina ry’akabanga, ryanditswe ngo BABULONI HAHAMBAYE, NYINA WA BA MARAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW ISI.


Uyo abami bo kw isi bāsambana na we, ababa kw isi bakaborerwa vino, ni zo busambanyi bgiwe.


Kukw ata kuziga ibizoba kw’umunyakibi; Itara ry’abanyavyaha rizozimwa.


Mbega har’ aho mubona itara ry’abanyakibi rizima, Ivyago bikabatera, Imana ikabagabanganya imibabaro iri n’uburake,


Maze Yoramu abonye Yehu, aramubaza, ati N’amahoro ga Yehu? Aramwishura, at’ Amahoro ki, ubusambanyi bga nyoko Yezebeli n’uburozi bgiwe bikiri ngaho ar’ isinzi?


Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Arikw icatuma bamushirak’ umutima n’uk’ uhereye kera yabūmiza n’amarēba yiwe.


Arikw ivyo vyompi bizokugwako umusi umwe, kubura abana no gupfakara: bizogushikako uko vyakabaye, nah’ ubupfumu bgawe bgoba bginshi bute, n’ amahezayo yawe akaba isinzi.


Ikindi, nzobakūramw’ ijwi ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ukuvuga kw’urusyo n’ukubonesha kw’itara.


Abami bo mw isi n’abaganwa n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abatunzi n’abanyenkomezi n’abagurano bose n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi;


kandi ntibihana ngo bareke ubgicanyi bgabo, cank’ uburozi cank’ ubushakanyi cank’ ubusuma.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite