Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:20
26 Referans Kwoze  

Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?


Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’ Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.


Kuk’ Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.


Ariko mweho, bakundwa, mwibuke amajambo yavuzwe kera n’intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo;


kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko:


Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:


kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.


Ririmba, mwa majuru; nezerwa wa si we; turika muririmbe, mwa misozi miremire, kuk’ Uhoraho amaze umubabaro abantu biwe, kand’ atewe akagongwe n’abāhahajwe biwe.


Abagororotsi iyo baguwe neza igisagara kiranezerwa, Kand’ abanyakibi iyo batikiye impundu zirasēsēra.


Uhoraho, Mana Nyen’ uguhōra, Mana Nyen’ uguhōra, kayangana.


Umugororotsi azonezerwa ni yabona ukwo guhōra: Azokwogesha ibirenge vyiwe amaraso y’ababi.


Ivyo, abana b’abantu ntibābimenyeshejwe mu bindi bihe, nk’uko mur’ iki gihe intumwa ziwe zera n’abavugishwa na we bābihishuriwe na Mpwemu:


Muririmbe, mwa majuru, kuk’ Uhoraho abikoze; wa bgina bg’isi usemerere; ni muturike muririmbe, mwa misozi mwe, nawe kibira, n’igiti cose kirimwo: kuk’ Uhoraho yacunguye Yakobo, kand’ azokwihesha icubahiro muri Isirayeli.


Ni bapfe kuvuma, ariko weho umpezagire; Ni bava hasi bazomāramāra, arik’ umusavyi wawe azonezerwa.


Abagororotsi bazobibona banezerwe, Ubugāba bgose bgizibe akanwa.


Umusozi Siyoni unezerwe, Abakobga ba Yuda bahimbarwe Kubg’ imanza ziroranye zawe.


Ni yo Mana impōra, Ikangandūrira amahanga nkayaganza.


Uhoraho we, abansi bawe bose baragapfa bartyo, Arikw abagukunda babe nk’ izuba rirashe risasitse! Maz’ igihugu gihabga impore kumara imyaka mirongwine.


Imyampi yanje nzoyiboreza amaraso, Amaraso y’abishwe n’ay’ abafashwe mpiri; Inkota yanje izorya inyama, Ikegete imitwe y’abatware b’abansi.


Uhoraho yagukūyekw imanza yari yāguciriye, yirukaniye kure umwansi wawe. Umwami w’Abisirayeli, ari we Uhoraho, ari hagati muri wewe; ntuzoba ukibona ivyago ukundi.


Mumugirire ibihwanye n’ivyo yagiriye abandi, mumugerere kabiri ibikwiranye n’ivyo yakoze. Mu gakarabo yavangiyemwo, mumuvangiremwo kabiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite