Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “ ‘Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye!’ Ubu gihindutse inzu y’abadayimoni, ubwihisho bw’impwemu zihumanye zose, ubwihisho bw’inyoni zihumanye zose, n’ubwihisho bw’ibikoko bihumanye kandi bisesema vyose.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:2
26 Referans Kwoze  

Umumarayika wundi wa kabiri akurikirirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo burake bg’ubushakanyi bgaco.


Kand’ i Babuloni hazocika ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge, n’akajoreza, n’ico kuvuzwakw agahwa, ata wukihaba.


I Babuloni harakomvomvowe giturumbuka, harageseye: muhaborogere; mwābīre umuti wo kuvūra uburibge bgaho, namba kumbure hokira.


Umumarayika w’inkomezi araha ikibuye kimeze nk’igisyo kinini, agita mu kiyaga, at’ Uko ni ko Babuloni igisagara gihambaye kizotererwa kigenda imivuguvugu, kandi ntikizosubira kuboneka ukundi.


bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe, bati N’ibara, n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni, wa gisagara c’inkomezi, kuko mw isaha imwe iteka uciriweko rigushikiriye!


Umugore wabonye ni we ca gisagara gihambaye, kiganza abami bo kw isi.


Mu ruhanga afise izina ry’akabanga, ryanditswe ngo BABULONI HAHAMBAYE, NYINA WA BA MARAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW ISI.


Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy’abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y’Imana, ngo hahabge agakarabo ka vino y’uburake bgayo bg’inkazi.


Kandi nzohahindura i wabo w’ibinyogoto, n’ibidengeri vy’amazi; nzohakubūza imyeyerezo yo kugeseza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kandi mbona mu kanwa ka ca gisato no mu kanwa ka ca gikōko no mu kanwa ka wa muvugishwa w’ibinyoma, havamw’ impwemu zitatu zihumanya, zisa n’ibikere:


Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n’ijwi rirenga, abgira ūvyagiye kur’ ico gicu, ati N’urungike umuhoro wawe, wimbure, kukw iyimbura rishitse, kand’ ivyimburwa vyo mw isi vyumye.


Asemerera n’ijwi rirenga, nk’ukw intambge yivuga: asemereye, imituragaro ndwi ituragara amajwi yayo.


Mbona umumarayika w’inkomezi nyinshi asemereza ijwi rirenga, ati Ni nde bibereye kw azingurura kirya gitabo ngw amene ibikimatanije?


Amasho azokwigaramangira hagati muri ho, n’ibikōko vyose vyo mw ishamba: inkongori n’ibinyogoto bizokwībēra ku bisapfu vy’amazu yaho: amajwi yavyo azokwumvikanira mu madirisha; mu rwinjiriro rw’imiryango yaho hazoba amasakamburira, kuko yasitaguye amagarwe y’imbaho z’amasederi.


Nuko rero, ubabūrire ayo majambo yose, ubabgire, ut’ Uhoraho azokwivuga ari mw ijuru, avuge n’ijwi rirenga ar’ ahiwe hēra; umukuku wiwe azowutontomera; azovuza akāmo, nk’ak’ abakānya inzabibu, akavugirije ababa kw isi bose.


ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, utukujwe n’umuriro; n’ijwi ryiwe ryari rimeze nk’iry’ amazi menshi asūma,


Maz’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; ijuru n’isi bizotigita: arik’ Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, Abisirayeli ababere igihome co kubakingira.


Imivyimba yabo izogangarara mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi ni ho Umwami wabo yabambge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite