Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 kuk’ ubutunzi bungaho bukomvomvotse mw isaha imwe! Kandi nyen’ ubgato wese, n’umuntu wese ajabukirizwa mu bgato ahantu hose, n’abasoza, n’abatunzwe n’ikiyaga, bari bahagaze kure,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Mu kanya isase, ubwo butunzi bwose buhindutse ubusa!” Abagendesha ubwato, ababugenderamwo, abasoza hamwe n’abakorera ibikorwa vyabo mu kiyaga, bazobirabira kure.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:17
11 Referans Kwoze  

Ya mahembe cumi wabonye na ca gikōko bizokwanka uwo maraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro.


Boroga, mwa māto y’i Tarushishi: kukw igihome canyu gisanganguwe.


Biyorera imikungugu ku mitwe, bataka barira baboroga, bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bgaco abafise amato yabo mu kiyaga bose, kuko cakomvowe mw isaha imwe!


Nuk’ umukuru w’ubgato aja ah’ ari, aramubaza, ati Wabaye ute ga wa gikazatiro we? Vyuka wambaze Imana yawe; kumbure Imana yodusubizak’ umutima, ntidupfe.


I Babuloni harakomvomvowe giturumbuka, harageseye: muhaborogere; mwābīre umuti wo kuvūra uburibge bgaho, namba kumbure hokira.


Kukw ibigabitanyo vy’umukobga w’ubgoko bgacu bikomeye gusumba icaha c’i Sodomu, Ari ho hākomvomvowe mu kanya isase, ata kuboko kuhakozeko.


Arikw ivyo vyompi bizokugwako umusi umwe, kubura abana no gupfakara: bizogushikako uko vyakabaye, nah’ ubupfumu bgawe bgoba bginshi bute, n’ amahezayo yawe akaba isinzi.


Ariko, umugabisha w’abasoda yumvira ūtumbereza ubgato na nyene bgo kurusha ivyo Paulo avuze.


Kand’ amahembe cumi wabonye ni yo bami cumi batarīma, ariko bahabga kuganziriza hamwe na ca gikōko nk’abami nyene, kumara isaha imwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite