Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 (Kand’ iyera ry’ukwifuza kw’ umutima wawe rirakuvuyeko; n’ibintu vyose biryoshe n’ibirābika neza biguhonnyeko, ntibazobibona ukundi.)

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Bazovuga bati: “Ivyo wahahamira cane uravyatswe. Ubutunzi bwawe n’ugukayangana kwawe vyose biguhezeko, ntibizosubira kuboneka.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:14
12 Referans Kwoze  

Arikw ivyo vyatubereye akarorero kugira ngo ntitwifuze ibibi, nk’uko ba bandi bāvyifuje.


Murifuza, ariko ntimuhabga: murica, mugira ishari, ariko ntimushobora kuronka; murarwana muratabara. Ntimuhabga kuko mudasaba:


Aburahamu aramubgira, ati Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’ amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa.


Maz’ Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’ iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde?


Ariko bifuriza cane mu bugaragwa, Bageragereza Imana mu karēre.


Abanyamahanga b’ikivange bari muri bo batangura kwifuza inyama; Abisirayeli na bo bongera kurira, bati Ni nde yoduha inyama zo kurya?


Bagerageresha Imana imitima yabo, Bayigerageresha kwaka ivyo kurya vyo kubamara ipfa.


Aho hantu bahita Kiburoti‐hatava, kukw ari ho bahamvye abifuje inyama.


Ariko mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’ abambaye impuzu ziremvye baba mu ngo z’abami.


n’ibisosa vyitwa mudarasini, n’imbazi, n’imibavu, n’amavuta amota neza, n’isenga, na vino, n’amavuta ya elayo, n’ifu isetse neza, n’ingano, n’inka, n’intama, n’amafarasi, n’imikogote, n’imibiri y’abantu n’ubugingo bgabo.


Abāshōra ivyo, batungishijwe n’ico gisagara, bazohagarikwa kure no gutinya ugushinyagurirwa kwaco, barira baboroga,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite