Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 n’ibisosa vyitwa mudarasini, n’imbazi, n’imibavu, n’amavuta amota neza, n’isenga, na vino, n’amavuta ya elayo, n’ifu isetse neza, n’ingano, n’inka, n’intama, n’amafarasi, n’imikogote, n’imibiri y’abantu n’ubugingo bgabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Cabagurira kandi ivyitwa kinamoni n’ibindi birungo; amavuta amota neza, ibimotesha neza amavuta yitwa mira n’imibavu; imivinyu n’amavuta ya elayo; ifu inoze neza n’ingano; inka n’intama; amafarasi n’imikogote hamwe n’abantu bagurishwa nk’abagurano.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:13
25 Referans Kwoze  

Ab’i Yavani n’ab’i Tubali n’ab’i Mesheki na bo bādandaza nawe: bāshōra abagurano n’imbombovu z’ivyakozwe mu miringa bakabikāba ivyawe.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abisirayeli, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāguze umugororotsi amahera, n’umukene bakamugura inkweto.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


Ndababgira, nti Twebge uko dushoboye twaracunguye Abayuda bagenzi bacu bāri baraguzwe n’abanyamahanga; ariko mweho bagenzi banyu murabagura, na bo bakīshora ngo tubagure! Baca barihorera babura iryo bavuga.


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


Ni hagira uwiba umuntu w’i wabo w’Umwisirayeli, akamujana, akamugira umuja cank’ akamushōra, bakamumufatana; uwo musuma aze yicwe: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.


Uwivye umuntu ngw amushōre, ar’ ūmaze kumugura, cank’ ar’ ūmufatanywe, ntaz’ abure kwicwa.


abashakanyi, abagabo bendana, abanyaga abantu bakabashōra, ababeshi, abarahira nabi, n’ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima,


ngo dushōre ifeza twigurire abarushwa, dushōre n’inkweto twigurire abakene, ngo dushōre n’ibihumbga vy’ ingano?


bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu.


Ndavyuka kwugururira uwo mukunzi wanje; Ibiganza vyanje bitonyangakw isenga, N’intoke zanje zitonyangakw isenga iyaze, Itonyangira ku bihindizo vy’ urugi.


Namotesheje neza uburiri bganje Isenga n’imbazi na mudarasini.


Maz’ aha umwami izahabu italanto ijana na mirongwibiri, amuha n’imibavu myinshi y’isinzi, n’utubuyenge tw’ igiciro kinini; ntihongeye kuboneka imibavu isa n’iyo uwo mwami w’i Sheba yahaye umwami Salomo.


Umuntu wese yaza azanye indamukanyo, ar’ ivyakozwe mu mafeza canke mu mazahabu, ar’ ivyambarwa, ar’ ibirwanishwa, ar’ imibavu, ar’ amafarasi, ar’ inyumbu; ni ko vyagenda uk’ umwaka utashe.


udashizemw’ ayakwa abahanjuzi kw ibibuguro n’ayakwa mu nyungu z’abadandaza, n’ayakwa abami bose bo muri Arabiya n’abaganza igihugu.


Maz’ aha umwami izahabu italanto ijana na mirongwibiri, amuha n’imibavu myinshi y’isinzi, n’utubuyenge tw’igiciro kinini; ntihongeye kuboneka imibavu ingana n’iyo uwo mwami w’i Sheba yahaye umwami Salomo.


Kand’ Uhoraho azobasubiza muri Egiputa muri mu māto, mujanye ya nzira nababarira, nti Ntimuzosubira kuyibona ukundi; mushitseyo muzokwishōra mu bansi banyu, ngo mube abagurano n’ abaguranokazi, ariko ntimuzobona uwo kubagura.


Amavuta yawe aratāmirana cane, Izina ryawe rimeze nk’amavuta asutswe; Ni co gituma inkumi zigukunda.


banyaga amasho yabo, ingamiya ibihumbi mirongwitanu, n’intama ibihumbi amajana abiri na mirongwitanu, n’ indogoba ibihumbi bibiri; bafata mpiri abantu ibihumbi ijana.


Uriya ni nde, adūga avuye mu bugaragwa Ameze nk’umwotsi upfunduka nk’inkingi, Atāmirana isenga n’imibavu, N’ibimota neza vyose vy’ ibidandazwa?


(Kand’ iyera ry’ukwifuza kw’ umutima wawe rirakuvuyeko; n’ibintu vyose biryoshe n’ibirābika neza biguhonnyeko, ntibazobibona ukundi.)


Abāshōra ivyo, batungishijwe n’ico gisagara, bazohagarikwa kure no gutinya ugushinyagurirwa kwaco, barira baboroga,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite