Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo mbona umumarayika wundi, amanuka avuye mw ijuru, afise ubutware buhambaye, isi ibonesherezwa n’ubgiza bgiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’ivyo nca mbona uwundi mumarayika yururuka ava mw’ijuru. Yari afise ubushobozi bwinshi kandi isi yari imurikiwe n’ugukayangana kwiwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:1
8 Referans Kwoze  

ngize ntya mbona ubgiza bg’Imana y’ Abisirayeli buje buturutse mu nzira y’i burasirazuba. Ijwi ryayo ryari rimeze nk’ugusūma kw’ amazi menshi; isi ikayanganishwa n’ubgiza bgayo.


Kuko nk’uk’ umuravyo urabiriza mu ruhande rumwe rw’ijuru, ukarabagiranira mu rundi, uko ni k’Umwana w’umuntu azoba ku musi wiwe.


Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.


Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi bari bafise za nzavya ndwi, avugana nanje, arambgira, ati Ngwino nkwereke iteka rizocirwa maraya w’agahebuza, yicaye kw iteraniro ry’amazi menshi.


Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro.


Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe.


Umumarayika arambaza, ati N’iki kigutangaje? Ndakubgira akabanga k’uriya mugore n’ak’ igikōko agenderako gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite