Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 17:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Umumarayika arambaza, ati N’iki kigutangaje? Ndakubgira akabanga k’uriya mugore n’ak’ igikōko agenderako gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Wa mumarayika arambarira ati: “Kubera iki utangaye? Reka ndagusigurire ibinyegezwa vy’urya mugore n’ico gikoko agenderako gifise imitwe indwi n’amahembe cumi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 17:7
6 Referans Kwoze  

Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.


Kukw ibanga ry’umugararizo n’ubu ririko rirakora, mugabo har’ ūbibuza none, gushitsa igihe azokūrirwaho.


ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.


Mw ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c’amahēro gisa n’ikibengebenge, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi, no mu mitwe yaco cambaye imigāra ndwi.


Hanyuma y’ivyo mbona umumarayika wundi, amanuka avuye mw ijuru, afise ubutware buhambaye, isi ibonesherezwa n’ubgiza bgiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite