Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 17:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Uyo abami bo kw isi bāsambana na we, ababa kw isi bakaborerwa vino, ni zo busambanyi bgiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Abami b’isi bose basambanye na we, kandi ababa kw’isi bose baborejwe n’umuvinyu w’ubusambanyi bwiwe.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 17:2
14 Referans Kwoze  

Umumarayika wundi wa kabiri akurikirirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo burake bg’ubushakanyi bgaco.


Kukw amahanga yose yanyoye vino, ni zo burake bg’ubusambanyi bgiwe, kand’ abami bo kw isi bāsambana na we, abadandaza bo kw isi bātungishwa n’ubginshi bg’ibihinda vyiwe.


Babuloni cār’ igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Uhoraho, cāboreje isi yose: amahanga yanyoye kuri vino yaco, ni co catumye azimira ubgenge.


Kand’ abami bo kw isi, abāsambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amarūru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe,


Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.


Kukw Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhūza inama, no gushira ca gikōko ku ngoma yabo, kugeza ah’ amajambo y’Imana azoshikira.


Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.


Abo bahūza inama, baha ca gikōko ububasha bgabo n’ubutware bgabo.


Ivyo vyose vyatewe n’ubusambanyi burenze urugero bga maraya ateye igomwe, umurozikazi w’umuhanga, aresha amahanga kubg’ ubusambanyi bgiwe, n’imiryango kubg’ uburozi bgiwe.


aramubgira, at’ Umuntu wese ahora abanza gutereka vino ziryoshe, maze bāhimba akabaha izitaryoshe: ariko weho iziryoshe ni zo wabītse gushitsa ubu.


Ehe ndamutsinda ku buriri, ndarungikira abasambana na we amarushwa menshi, ni batihana ibikorwa vyiwe.


kandi ntibihana ngo bareke ubgicanyi bgabo, cank’ uburozi cank’ ubushakanyi cank’ ubusuma.


Mu ruhanga afise izina ry’akabanga, ryanditswe ngo BABULONI HAHAMBAYE, NYINA WA BA MARAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW ISI.


Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite