Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 17:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ya mahembe cumi wabonye na ca gikōko bizokwanka uwo maraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Kirya gikoko n’amahembe cumi yaco wabonye bizokwanka urya mumaraya. Bizomwambura ivyo afise vyose bimusige ari gusa. Bizomurya inyama hanyuma ibisigazwa vyiwe bibiturire mu muriro.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 17:16
17 Referans Kwoze  

ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa, kand’ azotongozwa umuriro: kuk’ Umwami Imana amuciriyekw iteka ar’ uw’ ubushobozi.


Kand’ umukobga w’umuherezi wese ni yiyononesha gusambana, azoba yambitse ibara se: az’ atabge mu muriro.


Biyorera imikungugu ku mitwe, bataka barira baboroga, bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bgaco abafise amato yabo mu kiyaga bose, kuko cakomvowe mw isaha imwe!


ngo murye inyama z’abami n’iz’ abakuru b’abagabisha b’abasoda n’iz’ abahizi n’iz’ amafarasi n’iz’ abayicarako n’iz’ abantu bose, abidegemvya n’abagurano, aboroshe n’abahambaye.


Kandi ni yo bami ndwi: abatanu bārakombowe, umwe ariho, uwundi we ntaraza, kandi ni yaza azoba ar’ uwo kumara igihe gito.


Uwa gatandatu asuka urwavya rwiwe mu ruzi runini Efurate. Amazi yarwo arakama, kugira ngw inzira y’abami bava i burasirazuba yitegurwe.


Ndongera mbona ikindi gikōko ca kabiri gisa n’icitwa idubu; cari gihengarariye uruhande rumwe, cari gifashe amagufa atatu y’ imbavu mu kanwa, mu mihāha yaco. Barakibgira, bati Va hasi urye inyama nyinshi.


Hamwe inkozi z’ibibi zari zinziye ngo zirye inyama zanje, Ni bo barwanizi banje n’ababisha banje, bāratsitaye, baratemba.


Kand’ asangw’ abo mu rugo rwanje batavuga, Bati Ni nde yobona umuntu n’umwe atāhāgijwe n’inyama yagabura?


Mw ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c’amahēro gisa n’ikibengebenge, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi, no mu mitwe yaco cambaye imigāra ndwi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite