Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 17:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Arambgira, ati Ya mazi wabonye, maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Wa mumarayika aca ambwira ati: “Birya biyaga wabonye wa mumaraya yari yicayeko, ni amasinzi y’abantu bo mu mahanga yose no mu ndimi zose.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 17:15
14 Referans Kwoze  

Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi bari bafise za nzavya ndwi, avugana nanje, arambgira, ati Ngwino nkwereke iteka rizocirwa maraya w’agahebuza, yicaye kw iteraniro ry’amazi menshi.


Kuk’ Uhoraho ahoneje i Babuloni, ajibije amajwi yaho ahūrīra; kukw imipfunda y’abanyazi ibomborana nk’amazi menshi, urwamo rw’ijwi ryabo rwumvikana;


Ewe uba ku materaniro y’amazi menshi, ukaba mu bihinda vy’ubutunzi, umuhero wawe urashitse, ipfa ryo kudahāga kwawe riraherewe.


Kand’ abo mu moko n’imiryango n’indimi n’amahanga bazorāba imivyimba yabo imisi itatu n’igihimba, ntibazokunda kw iyo mivyimba ihambga.


Barambarira, bat’ Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’ amoko menshi n’amahanga menshi n’indimi nyinshi n’abami benshi.


Ikiyaga kiradūze kīziye i Babuloni: harengewe n’isinzi ry’ imipfunda yaco.


Izibiza kubomborana kw’ibiyaga, kubomborana kw’imipfunda yavyo, N’imivurungano y’amahanga.


Ingoyi z’urupfu zaranyizingiriyeko, Isūri zo kurandura zanteye ubgoba.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Eh’ amazi azodudubiza avuye i burārūko ahinduke uruzi rudengereye, ruzodengera rurenge ku gihugu no ku birimwo vyose, rurenge ku gisagara no ku bakibamwo bose: abantu bazotaka, n’ ababa mu gihugu bose bazoboroga.


Catungwa n’amazi, amazi menshi yaragikuza: inzūzi zatembera irya n’ino y’aho catewe, zikarekurira imigende yazo ku biti vyose vyo mu gahinga.


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite