Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 17:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kandi ni yo bami ndwi: abatanu bārakombowe, umwe ariho, uwundi we ntaraza, kandi ni yaza azoba ar’ uwo kumara igihe gito.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Batanu muri bo baratembagajwe, umwe araganje, uwundi ntaraza, ariko niyaza, inganji yiwe izoba iyo umwanya muto cane.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 17:10
6 Referans Kwoze  

Barambarira, bat’ Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’ amoko menshi n’amahanga menshi n’indimi nyinshi n’abami benshi.


Kandi ca gikōko, cariho kandi kitakiriho, ico ubgaco n’ūgira umunani, ariko kandi n’umwe muri ba bandi ndwi, kand’ azoja kuranduka.


Maze kur’ uwo musi i Tiro hazokwibagirana imyaka mirongwirindwi, ihwanye n’imisi umwami umwe yomara ku ngoma; iyo myaka mirongwirindwi ni yashira, ibizoba kuri Tiro bizomera nk’ivyo mu kavyino ka maraya.


Muri ya mitwe yaco mbonamw’ umwe usa n’ūkomeretse akagīrīre: uruguma rwocishe rurakira. Isi yose ikurikira ico gikōko bagitangarira.


Kiganzisha ububasha bgose bga ca gisato ca mbere mu maso yaco, kigōbēra isi n’abayibako gusenga ca gikōko ca mbere, cakize uruguma rwocishe.


Ya mahembe cumi wabonye na ca gikōko bizokwanka uwo maraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite