Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi, barogota kw izina ry’Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Abantu bose baturirwa n’ubushuhe buteye ubwoba; baca batuka izina ry’Imana yo ifise ububasha kuri ivyo vyago. Ariko ntibihana ivyaha vyabo ngo bagaruke ku Mana bayihe icubahiro.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:9
20 Referans Kwoze  

Urubura ruhambaye, ibuye rimwe ryarwo ririvye nk’italanto, rukoragurikira ku bantu ruvuye mw ijuru: ico cago c’urubura gituma abantu barogota ku Mana, kukw icago carwo gikomeye cane.


Uwo mwanya isi iratigita, ikigiracumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi ndwi, abarokotse baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana Nyen’ ijuru.


Kandi namuhaye uburyo bgo kwihana, ntiyakunda kwihana ngw areke ubushakanyi bgiwe.


Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.


Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.


Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.


Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.


Abantu bārokotse, batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ ifeza n’ivy’ imiringa n’ivy’ amabuye n’ivy’ ibiti, bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda:


kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebge, nanje nkazoririra benshi bācumuye kera, ntibihane ivyonona, n’ubushakanyi, n’ivy’ isoni nke bākoze.


Mu myanda yawe harimw’ ubushakanyi; kuko nagutunganije, ntutungane, nta ho uzokwongera gutunganywa ng’uvekw imyanda yawe, gushitsa aho nzoba nkwimazekw ishavu ryanje.


Bazoca mu gihugu bamerewe nabi cane bashonje: maze ni bafatwa n’inzara bazoshangashirwa, bavume umwami wabo n’ Imana yabo; bazorarama barābe hejuru:


Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe.


Maz’ uwo mwami Ahazi nyene, igihe aburaniwe arushiriza kuja imbere gucumura k’ Uhoraho,


Akivugana na bo, umwami aramanuka aja iy’ ari; aravuga, at’ Ibi vyago ko bivuye k’Uhoraho, har’ ikindi kizigizigi nkimufiseko?


Maze Yosuwa abarira Akani, ati Mwana wanje, enda ni wubahe Uhoraho Imana y’Abisirayeli, uyishire hejuru; mbarira ico wakoze, ntumpishe.


Hanyuma hahise imisi myinshi, Uhoraho arambarira, ati Va hasi, uje kuri Efurate, ukūreyo wa mukanda, umwe nakubarira kunyegezayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite