Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nca numva igicaniro cishura giti: “Egome, Mwami Imana Mushoboravyose, imanza zawe ni iz’ukuri kandi ziragororotse.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:7
11 Referans Kwoze  

kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo.


Kand’ amennye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbona musi y’igicaniro impwemu z’abishwe babahōra ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise.


Maz’ umwe mu baserafi araguruka, aza aho ndi, afise ikara ryaka mu ntoke, yokoje ikimano ku gicaniro;


Umumarayika wundi ava ku gicaniro, ni we aganza umuriro, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ūfise umuhoro ukarishe, ati Rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w’isi, kukw inzabibu zawo zirungurije.


uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. Kand’ azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.


Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.


Maz’ umukerubi umwe atuma ukuboko hagati ya ba bakerubi, ku muriro wari hagati yabo, awābīrako, awushira mu mashi y’uwo yambaye impuzu zera; arawābīra, aragenda.


Maz’ Uhoraho abarira wa muntu yambaye impuzu zera, ati Genda uce hagati ya ya makurudumu yizinguriza, musi y’umukerubi, wuzuze amashi yawe yompi amakara yaka, uyakūye hagati y’abakerubi, uyakwiragize hejuru y’igisagara. Nukw ahaca mbona.


Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite