Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Numva umumarayika w’amazi avuga, at’ Uragororotse, uriho kandi wamyeho, Uwera, kuk’ uciye iryo teka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nca numva umumarayika yari afise ububasha ku mazi avuga ati: “Wewe Wera, uwuriho kandi wamyeho, uragororotse mu guca imanza nk’izi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:5
18 Referans Kwoze  

bati Turagushimye, Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wābiriye ububasha bgawe buhambaye, ukima.


Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


Uhoraho agororoka mu nzira ziwe zose, N’umunyabuntu mu bikorwa vyiwe vyose.


Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.


Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


Uhoraho n’umugororotsi; Yaciye ingoyi abanyakibi bānshizemwo.


Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’ Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?


Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.


Ariko namb’ ukugabitanya kwacu kwāshimagije ukugororoka kw’Imana, tuvuge iki? Mbeg’ Imana iragabitanya, kukw iduhanisha uburake bgayo? Mbivuze nk’imvugo y’abantu.


Ni co catumye Uhoraho ashira umutima kur’ ivyo vyago, akabiduteza; kuk’ Uhoraho Imana yacu ari yo igororoka mu bikorwa vyayo vyose ikora; ariko twebge ntitwumviye ijwi ryayo.


Uhoraho aragororotse, ariko jeho nagararije ivyagezwe vyiwe: Ni mwumve ndabinginze, mwebge mwa mahanga yose, mwitegereze umubabaro wanje: Abakobga banje n’abahungu banje bagiye ar’ inyagano.


kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo.


Uwa gatatu asuka urwavya rwiwe mu nzūzi no mu masōko, bicika amaraso.


Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n’aba na bo bamenye kw ari wewe wantumye.


Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite