Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uwa kabiri asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, gicika amaraso nk’ay’ ūpfuye: ikintu cose co mu kiyaga kiri n’ubugingo kirapfa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Uwa kabiri asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku kiyaga, gica gihinduka nk’amaraso y’umuntu yapfuye. Ivyaba mu kiyaga vyose bica birapfa.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:3
10 Referans Kwoze  

Abo bafise ubushobozi bgo gukinga ijuru, ngw imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo: kandi bafise ubushobozi ku mazi kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose, uko bagomvye.


Ahindura amazi yabo amaraso, Yica amafi yabo.


Igahindura inzūzi zabo amaraso, N’imigezi yabo, ntibashobore kugira ico banywa.


Yar’ afise mu minwe agatabo kazinguruye, ashinga ikirenge c’i buryo ku kiyaga, ic’i bumoso agishinga i musozi.


Kandi nzogucira urubanza ruhwanye n’urwo bacira abagore b’abasambanyikazi n’abagore bavisha amaraso; ishavu n’ifuhe ngufitiye nzotuma bikuvisha amaraso nawe.


Ibihumeka impwemu z’ubugingo mu mazuru vyose, vyaba i musozi, birapfa.


Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga. Mbona igikōko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe ndwi: ku mahembe yaco hārih’ imigāra cumi, no ku mitwe yaco hārih’ amazina y’amarogotano.


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite