Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Urubura ruhambaye, ibuye rimwe ryarwo ririvye nk’italanto, rukoragurikira ku bantu ruvuye mw ijuru: ico cago c’urubura gituma abantu barogota ku Mana, kukw icago carwo gikomeye cane.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Haca haza urubura rwinshi ruvuye kw’ijuru rugwa ku bantu kandi rumwe rwapima nk’ibiro mirongo itanu. Abantu baca batuka Imana kubera ico cago c’urubura, kuko cari icago giteye ubwoba.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:21
15 Referans Kwoze  

Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi, barogota kw izina ry’Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze.


kand’ uburibge bgabo n’ibisebe vyabo bituma barogota ku Mana Nyen’ ijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo.


Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.


Maze bakiriko barahunga Abisirayeli, bakimanuka bava i Beti‐horoni, Uhoraho arekura imināna ivuye mw ijuru, igenda irabahonda barinda bashika i Azeka. Nuko barapfa: abishwe n’ urwo rubura bāruta abo Abisirayeli bicishije inkota.


Nuko rero, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze, nti Mbere nzorusituza umuyaga w’ikirura nshangashiwe; hazogwa imvura y’isegenya izanywe n’uburake bganje, kand’ ubushangashirwe bganje buzotuma imināna y’urubura irukombora.


Barira abaruhomakw ingwa yuko ruzohomvoka: hazogwa imvura y’ isegenya; namwe mwa mināna y’urubura, muzogwa; maz’ umuyaga w’ikirura urusiture.


Bazoca mu gihugu bamerewe nabi cane bashonje: maze ni bafatwa n’inzara bazoshangashirwa, bavume umwami wabo n’ Imana yabo; bazorarama barābe hejuru:


Kand’ Uhoraho azotuma ijwi ryiwe ry’icubahiro ryumvikana, azokwerekana ugukubita kw’ukuboko kwiwe mu bushangashirwe bg’uburake, no mu rubeya rw’umuriro utongora, no mu gusegenyuka kw’imvura n’ ikirura n’imināna y’urubura.


Uti Rāba, ejo nka bugingo ubu azosegenyura urubura rw’icago, rutigeze kuboneka muri Egiputa, uhereye igihe hitiwe izina, ukageza n’ubu.


Uhoraho abarira Mose, ati Tunga ukuboko kwawe mw ijuru, urubura rugwe mu gihugu cose ca Egiputa, ku bantu no ku bitunzwe no ku cameze cose co ku misozi, mu gihugu cose ca Egiputa.


Har’ aho wigeze gushika mu bubīko bga shelegi? Cank’ urābona ububīko bg’ urubura,


Urwo nabīkiye igihe co kuzana amagorwa, Nkarubīkira umusi w’intambara no kurwana?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite