Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe kw isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikōko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Umumarayika wa mbere aragenda asuka ivyari mu rwavya rwiwe kw’isi. Haca haduka ibisebe bibi kandi bibabaza ku bantu bari bafise ikimenyetso ca ca gikoko bagasenga n’igishushanyo caco.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:2
22 Referans Kwoze  

Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.


kand’ uburibge bgabo n’ibisebe vyabo bituma barogota ku Mana Nyen’ ijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo.


Uhoraho azobatērēra ibihute nk’ivyo yatērereye Abanyegiputa, no gusiduka amagara, n’urukemba n’ amahere, ivyo mutazoshobora kuvūrwa.


Uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracīkāna.


ni co kizotuma Umwami Imana atēza abakobga b’i Siyoni ibihūshi mu bitwariro, Uhoraho agatwikurura ibiteye isoni vyabo.


Hanyuma y’ivyo vyose Uhoraho amutēza indwara mu mara idashobora kuvūrwa.


ngo Kandi nawe uzorwara indwara ikomeye mu mara, ngo Kand’ izogenda ikura uko bukeye, gushitsa ah’ amara yawe azoruha akavyagira, akuvuye mu nda.


Bamaze kuyishikanayo, ukuboko kw’Uhoraho kurwanya ico gisagara, kubaca ivutu; atērēra ibihute abo mur’ ico gisagara, abato n’abakuru, bisēsa ku mibiri yabo.


Maz’ ukuboko kw’Uhoraho gushikamira Abanyashidodi n’abāhakūkira, arabageseza, abatērēra ibihute.


Uhoraho azobakūrakw indwara zose; ntazobatēza n’imwe muri za ndwara mbi zo muri Egiputa, nk’uko muzizi, arikw azozitēza ababanka bose.


Maze mu gishingo c’imbazi hazoba umunūko; mu gishingo c’ikimano c’ubudede hazoba umugozi; mu gishingo c’umushatsi utsivye hazoba inkomvorera; mu gishingo c’impuzu y’igisāga hazoba igunira; n’ibikovukovu mu gishingo c’amarangi.


Ihuhutisha mw ijuru umuyaga uturutse i burasirazuba, Irōngōza ububasha bgayo umuyaga uturutse i bumanuko.


Ūvyagiye ku gicu arekurira umuhoro wiwe mw isi, isi irimburwa.


Uhoraho azobatērēra ibihute bibi mu mavi no ku maguru, mudashobora kuvūrwa; mber’ azobibatēza bihēre mu bgoro bg’ikirenge bigeze mu gitwariro.


Kiganzisha ububasha bgose bga ca gisato ca mbere mu maso yaco, kigōbēra isi n’abayibako gusenga ca gikōko ca mbere, cakize uruguma rwocishe.


Umumarayika wundi wa gatatu akurikirirako, avuga n’ijwi rirenga, ati Ni hagira umuntu asenga ca gikōko n’igishushanyo caco, akemera gushirwakw ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza,


Numva ijwi rirenga rivuye muri rwa rusengero ribarira ba bamarayika ndwi, riti Ni mugende, musuke kw isi izo nzavya ndwi z’uburake bg’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite