Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy’abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y’Imana, ngo hahabge agakarabo ka vino y’uburake bgayo bg’inkazi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ca gisagara gikuru gica cigaburamwo gutatu, ibisagara vy’amahanga birasenyagurika. Maze Imana yibuka ivyaha vya Babiloni igisagara gihambaye, ica ikinywesha ku gikombe cuzuye umuvinyu w’uburake bwayo buteye ubwoba.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:19
15 Referans Kwoze  

Kukw ivyaha vyiwe vyārundanijwe bigashika kw ijuru, kand’ Imana yibutse ukugabitanya kwiwe.


bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe, bati N’ibara, n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni, wa gisagara c’inkomezi, kuko mw isaha imwe iteka uciriweko rigushikiriye!


Umugore wabonye ni we ca gisagara gihambaye, kiganza abami bo kw isi.


Umumarayika w’inkomezi araha ikibuye kimeze nk’igisyo kinini, agita mu kiyaga, at’ Uko ni ko Babuloni igisagara gihambaye kizotererwa kigenda imivuguvugu, kandi ntikizosubira kuboneka ukundi.


Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose.


Mu ruhanga afise izina ry’akabanga, ryanditswe ngo BABULONI HAHAMBAYE, NYINA WA BA MARAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW ISI.


Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro?


n’abami bose b’i burārūko, abari kure n’abari hafi, bose hamwe; n’ibihugu vyose vy’abami bo mw isi, aho biri hose mw isi; kand’ umwami w’i Sheshaki ni we azobaherukira kunywa.


Imivyimba yabo izogangarara mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi ni ho Umwami wabo yabambge.


Kand’ abaguhahaza nzobagaburira inyama zabo ubgabo, bazoborerwa ayabo maraso nk’ūborewe vino novu; kand’ abantu bose bazomenya ko jewe Uhoraho nd’ Umukiza wawe, n’Umucunguzi wawe, Inyenkomezi ya Yakobo.


Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi bari bafise za nzavya ndwi, avugana nanje, arambgira, ati Ngwino nkwereke iteka rizocirwa maraya w’agahebuza, yicaye kw iteraniro ry’amazi menshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite