Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Habah’ imiravyo n’amajwi n’imituragaro, habaho no gutigita kw’isi guhambaye; nta gutigita kunganya n’ukwo ubuhambazi no gukomera kwigeze kubaho, uhereye ah’ abantu bākabereye kw isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ubwo nyene haca haboneka imiravyo, humvikana urwamo rwinshi, imituragaro na nyamugigima ikomeye itari yigere kubaho kuva abantu babaho kw’isi. Iyo nyamugigima yari iteye ubwoba cane.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:18
8 Referans Kwoze  

Kandi kuri ya ntebe y’ubgami hava imiravyo n’amajwi n’imituragaro: kand’ imuri ndwi z’umuriro zākira imbere y’iyo ntebe, ni zo Mpwemu ndwi z’Imana:


Maz’ ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka.


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Uwo mwanya isi iratigita, ikigiracumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi ndwi, abarokotse baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana Nyen’ ijuru.


Umumarayika ajana icotero, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, ashiburira mw isi: habah’ imituragaro n’amajwi n’imiravyo no gutigita kw’isi.


Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico gitabo, isi iratigita cane: izuba ririrabura nk’igunira ry’ubgoya; ukwezi kwose guhinduka nk’amaraso:


Kuko mur’ iyo misi hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho.


Hazoba guterwa n’Uhoraho Nyen’ ingabo, kw’imituragaro, n’ugutigita kw’isi, n’ukwasana gukomeye, n’agashururu, n’ikirura, n’imbeya z’umuriro utongora.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite