Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Uw’ indwi asuka urwavya rwiwe mu kirere. Ijwi rirenga riva mu rusengero kuri ya ntebe, rivuga, riti Karabaye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Umumarayika w’indwi aca asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu kirere, maze mu rusengero humvikana ijwi riva ku ntebe y’inganji, rivuga riti: “Birarangiye!”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:17
13 Referans Kwoze  

Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ūfise inyota nzomuha kunywa kw isōko y’amazi y’ubugingo ku buntu.


Yesu amaze kuyihabga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca.


ivyo mwagenderamwo kera, nk’ukw ivy’ iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa.


Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.


Numva ijwi rirenga rivuye muri rwa rusengero ribarira ba bamarayika ndwi, riti Ni mugende, musuke kw isi izo nzavya ndwi z’uburake bg’Imana.


Umumarayika wundi ava muri rwa rusengero rwo mw ijuru, na we nyene afise umuhoro ukarishe.


Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n’ijwi rirenga, abgira ūvyagiye kur’ ico gicu, ati N’urungike umuhoro wawe, wimbure, kukw iyimbura rishitse, kand’ ivyimburwa vyo mw isi vyumye.


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite