Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 (Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amēnya, bakabona isoni z’ubgambure bgiwe.)

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 “Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:15
23 Referans Kwoze  

ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka.


Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.


Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’ isaha.


namba tuyambaye tutazosangwa twambaye ubusa.


Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’ umubiri ufise intege nke.


Nuko mwame mugavye, mwibuke yuko namaze imyaka itatu ntasība guhanūra umuntu wese ndira, ku murango no mw ijoro.


Nuko rero ntidusinzire nka ba bandi, ariko twame tugavye, twirinde ibiboreza.


Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.


Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’ umubiri ufise intege nke.


Ubgambure bgawe buzotwikururwa, mber’ ibiteye isoni vyawe bizoboneka; nzokwīhōra, kandi sinzogira akagongwe,


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


nuko rāba, nzokoraniriza abūzure bawe bose hamwe, ari bo bāguhimbara, bo n’abo wagomwa bose, hamwe n’abo wanka bose, nzobaguteranirizako baguturuke impande zose, maze ntwikurure ibiteye isoni vyawe, kugira ngo babibone vyose.


Azobona ibara, ūha mugenzi we ibinyobga, na wewe umwongerakw ibituriranije, ukamuboreza, kugira ngo wirābire ubgambure bgiwe!


kugira ngo sinze ndamusige amēnya, akamera nk’umusi yavutseko, nkamuhindura nk’ubugaragwa, nkamusiga ngaho ameze nk’ ubgeranyange, nkamwicisha inyota.


Maze Mose abonye kw abantu bīrekuriye mu buyobe, kuko Aroni yabakundiye kwirekurira muri bgo, bagahinduka agatwengo ku bansi babo,


Ariko mweho, bene Data, ntimuri mu mwiza, ng’uwo musi ubūbīre nk’igisuma:


Ngira nze vuba: wumire ku co ufise, ntihagire ūgutwara igitsibo cawe.


Kand’ ehe ndaza vuba. Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite