Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kandi mbona mu kanwa ka ca gisato no mu kanwa ka ca gikōko no mu kanwa ka wa muvugishwa w’ibinyoma, havamw’ impwemu zitatu zihumanya, zisa n’ibikere:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nca mbona impwemu mbi zitatu zimeze nk’ibikere, ziva mu kanwa ka ca gisato, n’aka ca gikoko, n’aka wa muvugishwa w’ibinyoma.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:13
17 Referans Kwoze  

Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose.


kukw izo ar’ impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.


Igihugu cabo kinyagaramw’ ibikere, No mu ngoro z’abami babo.


Yabarungitsemw’ amasinzi y’ ibibugu, birabarya; N’ibikere, birabageseza.


Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite