Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Uwa gatandatu asuka urwavya rwiwe mu ruzi runini Efurate. Amazi yarwo arakama, kugira ngw inzira y’abami bava i burasirazuba yitegurwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Umumarayika wa gatandatu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu ruzi runini Efurata, amazi yarwo aca arakama, kugira ngo abami bo mu buseruko baronke aho bacisha ingabo zabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:12
15 Referans Kwoze  

ribarira umumarayika wa gatandatu afise inzamba, riti Bohora abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Efurate.


None rero, uku ni k’ Uhoraho agize, at’ Ehe nzokwitsa mu manza zawe, ndaguhōre; nzokamya ikiyaga caho, n’isōko yaho nzoyimīmūra.


Mbarira idamba, nti Kama, kandi nzokamya inzūzi zikujamwo;


Nahagurukije umuntu avuye i burārūko, kand’ araje; uwambaza izina ryanje avuye i burasirazuba: azokāta abaganza nk’ūkāta urwondo, canke nk’uk’ umubumvyi akāta ibumba.


Nzotongora imisozi n’uturambi, numishe ivyatsi vyose vyaho; mu nzūzi nzohahindura i musozi, kandi nzokamya ibidengeri.


Uhoraho azokamya rwose ikigobe c’ikiyaga ca Egiputa, azozana umuyaga wiwe ururumba, abāngīrire ukuboko rwa Ruzi, arukubite arucemw’ imigezi ndwi, maz’ ajabutse abantu batarinze gukūra inkweto.


Arambgira, ati Ya mazi wabonye, maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi.


Kandi mbona umumarayika wundi adūga, ava i burasirazuba, afise ikidomesho c’Imana nzima, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ba bamarayika bane bahawe kwonona isi n’ikiyaga,


Nzohamagara igisīga caromoye kive i burasirazuba, ni co muntu afise imigabo yanje, ava mu gihugu ca kure. Narabivuze; no kubishitsa nzobishitsa; narabigabiye, no kubikora nzobikora.


Ibara rya kabiri riraheze: eh’ irya gatatu rigira rize.


nuko rero jewe Umwami Imana ngira mbatēze amazi ya rwa ruzi rundi, amazi menshi y’inkomezi, ni yo mwami w’i Ashuri n’icubahiro ciwe cose: azosēsa ku nkombe ziwe zose, adēngēre amasēsero yiwe yose;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite