Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Uwa gatanu asuka urwavya rwiwe ku ntebe y’ubgami ya ca gikōko. Ubgami bgaco bucura umwiza, uburibge butuma bahekenya indimi zabo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Umumarayika wa gatanu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku ntebe y’inganji ya ca gikoko, ubwami bwaco buca bwuzura umwijima. Ababubamwo bihekenya indimi kubera imibabaro barimwo,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:10
22 Referans Kwoze  

Yugurura urusumanyenzi rw’i kuzimu, rupfundukamw’ umwotsi nk’uw’ itanure rinini, izuba n’ikirēre bicurishwa umwiza n’umwotsi wo mur’ urwo rusumanyenzi.


arikw abana b’ubgo bgami bazohindirwa hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.


Kukw Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhūza inama, no gushira ca gikōko ku ngoma yabo, kugeza ah’ amajambo y’Imana azoshikira.


Maz’ umwami abgira abakozi biwe, ati Ni mumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwiza; ni ho hazoba amarira n’ukuryanya insya z’amenyo.


Umumarayika w’inkomezi araha ikibuye kimeze nk’igisyo kinini, agita mu kiyaga, at’ Uko ni ko Babuloni igisagara gihambaye kizotererwa kigenda imivuguvugu, kandi ntikizosubira kuboneka ukundi.


Aho ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo, aho muzobonera Aburahamu na Isaka na Yakobo n’abāvugishwa n’Imana bose bari mu bgami bg’Imana, namwe muhindiwe hanze.


azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n’indyarya: ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Ibatera uburake bgayo bg’ inkazi, Uburake, n’ugushangashirwa, n’ivyago, Igitero c’abamarayika b’abaranduzi.


Aha ni ho umutima w’ubgenge userukira. Imitwe ndwi, iyo ni yo misozi ndwi uwo mugore yicayeko.


babaterere mw itanure ry’umuriro; ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Bazobaterera mw itanure ry’umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose.


Abari mw isi bazonezerwa, bazobītamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kukw abo bavugishwa n’Imana bātoneka abari mw isi.


Imivyimba yabo izogangarara mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi ni ho Umwami wabo yabambge.


Intangaro y’urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongwine n’abiri.


Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami.


Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakubitwa, kugira ngw ikigira gatatu cavyo gicure umwiza, ikigira gatatu co mu bihe vy’umurango nticākirwe, no mw ijoro n’uko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite