Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 15:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Rwa rusengero rwuzura umwotsi uva mu bgiza bg’Imana no mu bushobozi bgayo, kandi nta washoboye kwinjira mur’ urwo rusengero, gushitsa aho vya vyago ndwi vy’abo bamarayika ndwi vyaheraherejwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ubwo nyene urusengero ruca rwuzura umwotsi uvuye mu cubahiro c’Imana n’ububasha bwayo, ntihaba hakigira uwushobora kwinjira muri urwo rusengero gushika ba bamarayika indwi bashikije vya vyago indwi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 15:8
14 Referans Kwoze  

Amatanguriro y’imiryango anyiganyizwa n’ugusemerera kwabo, inzu yuzura umwotsi.


Mbona ikindi kimenyetso mw ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika ndwi bafise ivyago ndwi, ni vyo vy’iherezo, kuko mur’ ivyo ari ho uburake bg’Imana buheraherezwa.


Bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira, kuva mu nyonga h’Umwami no mu bgiza bg’ubushobozi bgiwe,


Ijwi ry’Uhoraho riramburuza impongokazi, Kandi rigakōkōra ikibira; Kandi mu rusengero rwiwe vyose bikavuga, bit’ Icubahiro kibe icawe.


Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!


Witwikiriye igicu, kugira ng’ ugusenga kwacu ntikumenēre ngo kugushikīre.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.


Uwo musozi Sinayi upfūndūka umwotsi wose, kuk’ Uhoraho yamanutse, aje kuri wo ari mu muriro: umwotsi wawo upfūndūka nk’uw’itanure, umusozi wose utigita birengeje.


Uhoraho abarira Mose, ati Barira Aroni mukurwawe, yoye kwama yinjira, igihe yigombeye cose, ngw aje Ahēra, hirya ya ca gihuzu gikinze, imbere ya wa mutemere wo guhongerako urumitse kuri ya sandugu hejuru, kugira ngo ntapfe; kuko nzoserukira kur’ uwo mutemere wo guhongerako ndi muri ca gicu.


ufise ubgiza bg’Imana. Ugukayangana kwawo gusa n’ukw’ ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro kinini cane, nk’akabuyenge kitwa yasipi, kabonerana nk’icirore,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite