Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 15:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Hanyuma y’ivyo mbona huguruka urusengero rw’ihema ry’Ibishinga intahe rwo mw ijuru,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Hanyuma y’ivyo nca mbona mw’ijuru urusengero rurimwo ihema ry’isezerano rwuguruye.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 15:5
8 Referans Kwoze  

Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Arikw Abalewi uz’ ubagire abo kuzezwa iryo hema ry’Ibishinga intahe, n’ibintu vyose vy’imbombovu vyo muri ryo, n’ivyaryo vyose: abe ari bo barirerura, n’ibintu vyose vyo muri ryo; abe ari bo bakora ibikorwa vyo muri ryo, bashinge amahema yabo impande zose z’iryo hema.


Igihuzu gikingiriye ahēra cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi; isi iratigita; ibitandara birasaduka;


Arikw Abalewi bo baze bashinge ayabo impande zose z’iryo hema ry’Ibishinga intahe, kugira ng’ uburake bganje bgoye kuziriringira iryo koraniro ry’Abisirayeli; Abalewi baze bitondere ivyo bājejwe vy’iryo hema.


Iki ni co gitigiri c’ivyakoze iryo hema, ari ryo hema ry’Ibishinga intahe, nk’uko Mose yageze ko biharūrwa, Abalewi baba ari bo babiharūra, baharūzwa na Itamari, mwene Aroni umuherezi.


Uheze urumye uwo mutemere wo guhongerako kuri ya sandugu, uyishizemwo vya Bishinga intahe nzoguha.


Kand’ abo bakorera igishushanyo n’igitūtu c’ivyo mw ijuru, nk’uko Mose yabgiwe n’Imana, agira akoreshe rya hema, it’ Ugire umwete wo gukoresha vyose, ubigereranye n’ikigereranyo werekewe kuri wa musozi.


Giteranura akanwa kaco kirogota ku Mana, kirogota no kw izina ryayo, no kw ihema ryayo, no ku baba mw ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite